Burundi : Abanyororo 148 baratezuriwe mw’ibohero rikuru ryo mu ntara ya Ngozi

Ku musi wambere igenekerezo rya 20 Ntwarante 2023, umushikiranganji w’ubutungane hamwe n’umushikirizamanza kizigenza wa republika y’uburundi barafashe ingingo yo kurekura abanyororo 148 mw’ihero rikuru rya Ngozi mu buraruko bw’igihugu.

Nk’uko amakuru ashikira ikinyamakuru Itara Burundi abivuga, abo banyororo batezuriwe benshi bari bakwije icakane c’umunyoro  baciriwe na sentare hamwe n’abandi bakeya bagirizwa ivyaha bitobito.

Kubw’abaharanira agateka ka zina muntu twavuganye abo banyororo barekuwe ari bake ugereranije n’abapfungiwe mumabohero atandukanye yo mu Burundi bategerezwa gutezurirwa; Bakavugako abenshi baba baraciriwe amahera bakabura uko bayariha kubere iyo bapfunzwe atakazi baba bariko barakora bigatuma bapfungwa umunyororo w’agatsindikirizo. Batanganzwa no kubona hari abanyororo baba basangiye dosiye bamwe bagataha abandi bakaguma bapfunzwe.

Basaba reta gushinga umugwi wamaho woza urakurikirana ikibazo c’abanyororo bapfungwa kukarenganyo ku munsi kumunsi.

Tubamenyesheko kuva umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye ashika kubutegetsi yemereye abanyororo ikigongwe abanyororo barenga 5200 muntango z’umwaka wa 2021 ariko mw’ijambo ryo gusozera uwo mwaka nyene akamenyesha ko harekuwe 2700 gusa, imyaka yakurikiye ntakigongwe yasubiriye gutanga avuze ibitigiri kandi akaba atamakuru y’abarekuwe bandi kuriyomvo turasubira kuronka.