Burundi : Inkuru nziza kubarwaye indwara y’igisukari n’abagendana iy’ivumbuka ry’umurindi w’amaraso

Mugihe indwara y’igisukari(Diabtète) iri muzambere zica abantu benshi kw’isi hamwe n’indwara y’ivumbuka ry’umurindi wamaraso(Hypertension artérielle) ziraye mu Burundi, ubushikiranganji bw’amagara y’abantu no kugwanya ikiza ruhonyanganda SIDA buherutse gusohora itangazo bumenyeshako bugiye gutanga imiti yo gupfupfahaza izo ndwara kubuntu.

Nk’uko biboneka mw’ikete umushikiranganji w’amagara y’abantu no kugwanya ikiza ruhonyanganda SIDA N° 630/1020/CAB/2022 ryo kuwa 4 ntwarante 2022, ryarungikiwe abatwara uturere tw’ubuvuzi twose two mu gihugu, ubushikiranganji arongoye  bufadikanije n’ishirahamwe Direct Relief buzotanga imiti kubantu bakuze bafise indwara z’igisukari n’iz’ivumbuka ry’umurindi w’amaraso.

Umwe mubasanzwe bari hafi y’abafise indwara ya diabète yavuganye n’ikinyamakuru Itara Burundi amenshako iyo miti ari vyizako igira itangwe kubuntu ngo kuko ije hageze ariko agafita amakenga ko myinshi mur’iyo yoba igira itakaze agaciro mur’uyu mwaka nyene.

Agiraho asaba reta ko yoshira inguvu mw’ihimiriza no gukurikirana abagendana izo ngwara kuko abantu benshi bibagora kwipimisha kubera bizimvye bakazomenyako bafise izo ngwara ataco bikimaze baramaze gusinzikara. Gupima aho isukari igeze(Glycémie) akaba ari hagati ya 4000 na 6000FBu nayo gupima hypertension akavugako vyoba birenga 25000FBu kuncuro imwe kandi umuntu yategerezwa kwama yisuzumisha abo bikunda bakagura udukoresho bakaza baripima.

Twobamenyeshako imisi cumi umushikiranganji yatanze yo kuba abaganga bapimye kandi bamushikirije urutonde rw’abantu bose bafise indwara y’igisukari hamwe n’abafise ivumbuka ry’umurindi w’amaraso  yaheze ejo kw’igenekerezo rya 14 ntwarante 2022 mugihe hari benshi cane boba batabimenye.

Mugihe ico kiringo kitokwongerezwa kandi bikamenyekanishwa bikwiye uko umuntu afise imwe mur’izo ndwara amererwa hama ngo bikimishe, ntankekako abenshi ayo mahirwe azobarengana.