Burundi : Abantu batagira akazi ntakibanza bagifise i Bujumbura

Inyuma yo kubuza amamoto, amakinga n’ama tuktuk gukorera mu gisagara ca Bujumbura, umurwa ukuru w’ubutunzi w’Uburundi, hamaze imisi havugwa vyinshi aho umushikiranganji Gervais Ndirakobuca arongoye ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, umutekano n’iterambere rusangi yatevye agatanga umuco.

Umushikiranganji Gervais Ndirakobuca arahumuriza abantu bafise ama probox yunguruza abantu mu gisagara ca Bujumbura ko atangingo reta irafata yo kubirukana murico ariko ko ibivugwa vyo kwirukana abantu bose batagira akazi arivyo.

Uwo mutegetsi amenyeshako reta y’uburundi yafashe ingingo kera yo kubuza amarigara, akavugako abo batagira akazi aribo baheza bakarara kumugono ababa bakoze.

Tububutseko ubuzi bumwe bumwe nko kuranga amazu, kuranga ibidandazwa hamwe n’ubukokayi vyari vyarahagaritswe bikaba bivugwako vyongeje igitigiri c’abatagira akazi dukuyemwo ibihumbi amajana y’urwaruka ruheza amashure tukabura akazi.