Ibiro vy’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu no kugwanya ikiza SIDA bwafashe ingingo zikomeye zo gukinga ikiza ca COVID-19 giterwa n’umugera witwa Coronavirus, nk’uko tubisoma mw’itangazo ryasohotse kw’igenekerezo rya 05 ntwarante 2020.
Ubwo bushikiranganji bumenyeshako abazoba bavuye mu bihugu vyibonekejemwo ingwara y’icaduka COVID-19, yatanguriye mu Bushinwa mu kwezi guheze, uko ari ibihugu munani bazokwakirwa kukibuga c’indege mpuzamakungu Melchior Ndadaye c’i Bujumbura, bakajanwa ahantu habonyene aho bazomara imisi cumi n’ine imbere yo gukora ikizoba kibazanye mu Burundi.
Hasigaye kumenya nimba uburyo bukwiye buzoca buboneka, canke ingingo mperekeza zoba zarafashwe narirya ubuzima bwo mu bushinwa, koreya y’epfo, ubuyapani, Iran, ubutariyano, ubufaransa, ubudagi na Espagne butandukanye n’ubwo mu Burundi kandiko imisi 14 iboneka bivanye n’uruhusha canke ico umuntu aba aje gukora mu Burundi.
Ntitwokwibagira kubamenyeshako abenshi mubasoma iryo tangazo bitaye kugakosa kibonekejemwo; igenekerezo rya 05 ntwarante 2050(ibintu bisanzwe bidafuta ingingo zadashwe).