Burundi : Evariste Ndayishimiye, « imboneza idasanzwe »

Nk’uko vyagenze mukwezi kwa gatatu 2018, umugambwe uri ku butegetsi mu Burundi CNDDFDD ugaha ipete ry’icubahiro umuhisi Petero Nkurunziza ry’imboneza yamaho, y’uwo mugambwe, biratanguye kuza bukebuke umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye nawe ashobora kuzohabwa ipete ry’Imboneza idasanzwe nk’uko ritanguye kwibonekeza mubamwegereye cane kuva uno munsi.

NK’uko tubisoma kurubuga rwa Twitter rw’umutambukanyi w’umukuru w’igihugu, Angeline Ndayishimiye Ndayubaha, muvyo ahejeje kwandika kur’uyu wa 5 rusama 2023 yataziriye umukuru w’igihugu “Imboneza idasanzwe” mumuryango wabo. Akaba yamwipfuziza isabukuru nziza y’amavuka yaraye ahimbaje ejo kw’igenekerezo rya 04 rusama 2023 aho yararamutse akwiza imyaka 54 avutse.

           Tweet y’umupfasoni w’umukuru w’igihugu

“Ejo mukumva umukuru w’igihugu nawe yiyise Imboneza idasanzwe murugamba rw’iterambere canke mubindi ntimuzotangare, kenshi mugufata ingingo zihambaye mumugambwe uri kubutegetsi CNDDFDD bama babanza gucisha hinrya no hino”

Tubibutseko mukwezi kwa Ntwarante 2018, umuhisi Petero Nkurunziza yiswe imboneza yamaho y’umugambwe CNDDFDD uri kubutegetsi hanyuma kw’igenekerezo rya 10 ntwarante 2020 agasinya itegeko  N°1/06 ryamugira Imboneza kibirengeye mugukunda igihugu inyuma yaho ijambo “Eternel” ritereye impari mubanyagihugu.

Itegeko ryahavuye risubirwamwo kuwa kuwa kane ruheshi 2021 n’umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye aho aciye ashinga umunsi mukuru wo gukunda igihugu uzohimbazwa ubugira gatatu kuwa 8 ruheshi 2023, igenekerezo Petero Nkurunziza yapfiriyeko giturumbuka.

Mwebwe mubibona gute?