Burundi : « Intandaro y’indyane za politike yavuye kukutubahiriza ikiringo c’umukuru w’igihugu »

Kur’uyu wa 26 Ndamukiza 2023, amashirahamwe 19 aharanira agateka ka zina muntu yasohoye urwandiko aho yashikirijeko indane uburundi burimwo zaturutse kukutubahiriza ikiringo ca kabiri kw’umuhisi, umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza.

Ayo mashirahamwe asanzwe ahurikiye mw’isekeza ry’abanyagihugu ryo kwubahiriza ibiringo vy’abakuru b’ibihugu « Campagne Citoyenne pour la Limitation des Mandats » yashikirije ivyakozwe n’akarere kugira bahuze impande zitumvikana mu Burundi ariko biranka ;

Bashikirije ukuntu umurwi wo kunywanisha no gusubiza hamwe abarundi CVR uriko urakoreshwa mukuryanisha nyabuna abarundi akavugako ubutegetsi bw’umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimye bwari bwizewe nk’ubuje guhindura ivyagenda nabi ariko ko bwagumye ari nk’ubwahahora.

Ayo mashirahamwe akaba yavuze kandi kubijanye n’itahukanwa ry’impunzi aho avugako uburundi bwagumanye imigenderanire myiza n’igihugu kibanyi ca Tanzaniya gihohotera impunzi hanyuma impunzi zitahutse zitahutse zimwe zarahohotewe zisubira guhunga izindi zagirizwa amabi harimwo gukorana n’imirwi irwana zica zitabwa mu mvuto.

Muri urwo rwandiko ayo mashirahamwe yasavye reta ibintu vyinshi harimwo nko guhagarika guhungabanya agateka ka zina muntu, guhana abagirizwa amabi y’ubwicanyi n’ubunyonyezi, gufuta imitahe mpuzamakuru yatangiwe abamenyeshamakuru n’abaharanira agateka ka zina muntu hamwe n’ibindi vyinshi mushobora kwisomera kurubuga rwa TOURNONONS LA PAGE BURUNDI.

Ayo mashirahamwe yanditse urwo rwandiko mukwibuka imyaka umunani ihaciye hadutse indyane zavuye kugushaka kwitoza Kw’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza zikaba zatumye ibihumbi birenga amajana ane harimwo abamenyeshamakuru ijana bahunga igihugu.