Kuri uno wa 03 ndamukiza 2020, ubushikiranganji bwo kubungabunga amagara y’abantu no kugwanya ikiza SIDA bwiriwe mubikorwa vyo kugwanya ikiza ca #CORONAVIRUS(COVID19) harimwo kwakira imfashanyo y’ibikoresho vyatanzwe n’igihugu c’ubushinwa, igihugu ico kiza catanguriyemwo.
Ibikoresho biciye amadorari y’abanyamerika ibihumbi amajana ane (400000USD) vyo kugwanya ikiza ca CORONAVIRUS nivyo igihugu c’ubushinwa cahaye reta y’uburundi ku bitaro Prince Regent Charles, umushikiranganji wo kubunganunga amagara y’abantu no kugwanya ikiza SIDA akaba ariwe yavyakiriye abihawe n’ubuserukizi bw’ico gihugu mu Burundi.
Hagati aho, ubwo bushikiranganji nyene bukaba bwakoresheje inama abaserukira ibihugu vyabo n’amashirahamwe mpuzamakungu(ONG) mu Burundi aho barabiye hamwe uko bogwaniriza hamwe ico kiza ca CORONAVIRUS kibangamiye isi yose.
Twobibutsa ko ikiza ca CORONAVIRUS catanguriye mu bushinwa mukwezi kwa Kigarama 2019 munyuma gikwira isi yose, kikaba kimaze gufata abantu barenga 1106700 n’aberenga 56700 bamaze gupfa kw’isi yose mu Burundi hakaba bamaze kwemezwa ku mugarararo abagwayi 3. Ibihugu vya reta zunze ubumwe za amerika, Ubutariyano, Espagne n’ubwongereza hakaba hapfa abari hagati canke barenga 500 na 800 kuri kimwe kimwe cose mumasaha 24 gusa.