Burundi : Ikiganiro Umubano N°003 : Uyu muryango usambutse woba uzize iki ?

Umuryango umwe wo muntara kanaka yo mu Burundi, ufise serugo arakora akazi, nta mukozi yaba uwo munzu canke uwurera abana bafise. Umugore niwe akora ibikorwa vyo munzu vyose, akabonako umugabo yamutereranye ibikorwa bimuruhisha, umugabo nawe akavugako icokenerwa yotanga amafaranga ntihagire igikorwa ahereza amaboko co munzu. Ivyo vyatumye umubano mur’uwo muryango ucumbagira.

Ahejeje kwoga avuye kukazi, umugabo aca aja kugarama mugitanda agafata terefone, ukamusanga kumbuga ngurukanabumenyi, hageze gufungura umugabo baramuhamagara agafungura.

Amafaranga yo gusuma umugabo arayatanga, igikenewe cose agatanga amafaranga ariko udukorwa twose two munzu ni umugore adukora : Guteka, kumesa, kwoza abana, gusuma,…. Uwo mugabo ico akora yitwararika akazi kiwe gusa n’utundi dukorwa dusanzwe nko kuja kuraba abakozi baragira inka, kurimisha n’ibindi bisaba kugenda kure hambavu y’akazi asanganywe.

Umugore abwiye umugabo ati mfasha udukorwa two munzu umugabo aca amubwirako niyaramuka arushe azokwemera bagatunga umukozi abafasha ibikorwa vyo munzu mugihe azoba agifise amafaranga yo kumuhemba.

Iyo hagaze ko baganira ikiyago c’abubatse umugore yama avugako arushe, yumva atamerewe neza canke ari mubihe vyotuma atwara inda bataritegura neza avugako n’abo bafise umugabo asa n’uwabamutereranye. Umugabo biramushavuza kuburyo amera nk’uwibagiye ko afise umugore. Umugore abwira umugabo ko boganira iyo yumva bimuteye isoni kumara nk’amezi abiri batayaga nahone akaba ngo atinyako umugabo ashobora kuja hanze kurondera ibiganiro narirya igitsina gore arico kigwiriye mu Burundi.

Uwo muryango wasavyeko abasomyi b’ikimyamakuru Itara Burundi bowugira inama. Izo nazo zigaca kuri page yacu ya Facebook: @ItaraBurundi1

Ukaba wipfuza impanuro z’abasomyi bacu canke ufise inkuru ikeneye kuganirwako ijanye n’ingo n’imiryango wotwandikira kuri mail ikurikira: itaraburundi2014@gmail.com