Burundi : Imbonerakure, urwaruka rw’umugambwe uri ku butegetsi CNDDFDD zoba zigiye kwinjizwa mugisirikare ca reta.

Kuruyu wa kabiri igenekerezo rya 6/8/2019 hategekanijwe inama y’igihutihuti ku barongoye imbonerakure z’umugambwe CNDDFDD mu gisagara ca Bujumbura aho ibijanye no kuronswa akazi ku mbonerakure vyoba biri mubiri ku rutonde rw’ibivugwa mur’iyo nama.

Mugihe hari hamaze igihe kigana n’ukwezi n’igice havuzwe ko hari ibigwanisho vyoba vyarurukirijwe ku kibuga c’indege ca Bujumbura hanyuma bikajanwa muri reta iharanira demokrasi ya kongo(RDC) ibindi bikajanwa ka Petero Nkurunziza , umukuru w’igihugu uno musi  naho hariko havugwa iyinjizwa iyinjizwa mu gisirikare ca reta ry’imbonerakure, urwaruka rw’umugambwe uri kubutegetsi CNDDFDD.

Mu butumwa bwaciye muma groupes whatsapp y’imbonerakure zo mu gisagara ca Bujumbura kw’igenekerezo rya 5/8/2019, hari ubutumwa bwatumira abarongoye umuhari w’imbonerakure mu nama quaritiye yose yo mu gisagara ca Bujumbura itegekanijwe samunani z’umurango w’uyu wa 6/8/2019 ikabera ahahoze ari Athennée Primaire. Nk’uko isoko ry’amakuru muri uwo mugambwe ryabidushikirije.

Mugusozera ubwo butumwa, uwatanze itangazo yasaba imbonerakure zose zitatoye ikibazo ca reta gisozera amashure yisumbuye ko izitariyandikisha zokwiyandikisha zikinjizwa mu gisirikare ca reta mu rwego rw’ibisongerezi (Sous officiers).

Tubamenyesheko hari haheze imisi bivugwa ko hari imyimeyerezo ya gisirikare isigaye ikoresha ku mugaragaro ibice bitari bike vy’igihugu. Akarorero ka hafi twamenye akaba ari imyimenyerezo ya gisirikare yagizwe ku mus iwa kane igenekerezo rya 25/7/2019 i Muyinga.