Burundi : Isirayeli ya kabiri n’inkota y’Imana vyoba bihuriye hehe na politike ?

 « Inkota y’Uhoraho yoba izomanuka irazunguruka mu kirere igahitana imitwe y’abantu canke hari abariko barakarisha inkota yo kumara abantu? Hari umuhamagaro mushasha wo kwica abantu usigaye utangwa n’Imana ? ». Ivyo nivyo bibazo tugiye guca hirya no hino murukurikirane rw’ijambo ry’intangamarara mwateguriwe n’uwashinze ikinyamakuru Itara Burundi, Jérôme Kazabukeye

Ubuhamuzi canke ubuvugishwa ni kimwe mu bintu abarundi bahaye ikibanza cane cane kuva mu mpera z’umwaka wa 2014, buca haba intambara yadutse muri 2015 ivuye Ku kwitoza kwa Petero Nkurunziza ngo atware ikiringo ca gatatu kitari cemewe n’ibwirizwa nshingiro rya 2005, aho haja ahabona ubuhanuzi bw’uwitwa Damascène Gakwaya. Mur’ino misi y’igice ca kabiri c’umwaka wa 2019 hagezweho abiyita aba tewokrate nka bose bakavuga ku « nkota y’Uhoraho » izohitana abarundi isinzi. 

Kw’igenekerezo rya 28/7/2018 niho nandika ku mbunga ngurukana bumenyi iciyumviro canje cari gifise umutwe uvuga uti : « Abantu mukurikiranire hafi ivy’intambara ivugwa na Jean Bosco Barakamfitiye ». Murimperutse kuronka ubuhanuzi bw’uwo Jean Bosco Barakamfitiye agenda aravuga ko abadandaza badatanga amakori, abadandaza bibisha iminzane, abadandaza bashira amabuye mu biharage ngo bipime ibiro vyinshi, acamanza baka ibiturire, abigisha basambanya abanyeshure n’ibindi ko bagiye guhura n’inkota y’Imana.

Hari inyuma y’imisi itatu hasohotse ku mbunga ngurukanabumenyi ubutumwa bw’uwiyita Muyihimundu Yosuwa buvugako inyuma y’imisi cumi y’amasengesho yo kwisonzesha, Imana izoba yahishuye ibitari bike ku Burundi ; iyo misi ikaba yaheze n’uyu w’Imana igenekerezo rya 4/8/2019. Uwo yiyita Muyihimundu Yosuwa yaciye yandika ibitari bike kuri jewe abihaye umutwe uvuga ngo : « Ubutumwa bwo guhumuriza abarundi na cane cane abo Kazabukeye Jérôme yita abatutsi« . vyongera kuvyo yari yahaye abamusoma.

Narashoboye kuvugana na Jean Bosco Barakamfitiye yahoze ari umugwanyi wa CNDDFDD, munyuma akaba umupolisi wo muri rwego rw’ibisongerezi atari uwo mugwego rwohejuru nkuko nari nabironse kuwampaye amakuru yiwe ubwambere ;

Mumwanya utari munsi y’isaha turiko tuvugana kuri whatsapp kw’igenekerezo rya 30/7/2019, Jean Bosco Barakamfitiye ntiyigeze yemerako agikorana n’umugambwe CNDDFDD uri ku butegetsi, avugako bahagurutse ari abavugishwa batari bake bavuga ivy’imburi batumwe n’Imana. Yamenyesheje ko Imana yamubaze ivy’amacakubiri y’amoko n’ikimenyamenya ko yarongoye umututsikazi wo mw’ikambi y’abateshejejwe izabo y’i Bugendana mu ntara ya Gitega, ikomine avukamwo naho yari umuhutu yagendeye mu vy’ubwoko cane igihe kirekire ndetse agakirizwa akigwanira CNDDFDD mw’ishamba nkuko yabinyibwiriye. 

Jean Bosco Barakamfitiye akaba yaranapfunzwe umwanya utari muto azira kurya ibiturire imbere yuko ava mu gipolisi akaba yasubiriye gupfungwa azira ubwo butumwa angenda aravuga kw’ « Inkota y’Uhoraho igiye kuza mu Burundi » n’uko hagiye kuza intwaro ya Tewokrasi, akemera ko hagiye kuba Isirayeri ya Kabiri nk’uko uwo yiyita Yosuwa Muyihimpundu ashikiriza naho akavugako bidasa neza nk’uko nawe yabihawe.

Abavuga ivya tewokrasi ni benshi

Nari mperutse kuvugana  na Kayange Patrice asanzwe afise ishirahamwe ridaharanira ivyicaro vya politike rivuga ivya Tewokrasi ; CNTBU, ryemewe ry’umushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu ku N° 530/426 ryo kuwa 20/4/2011 , uwo nawe yarambwiyeko abandi bose biyitirira Tewokrasi atabo azi ariko yumva uwitwa Muyihimpundu Yosuwa ariko ko baje bokorana bakabishira kumurongo nawe nyene akiyamiriza abavugako yoba akorana na CNDDFDD.

Yaba Kayange Patrice avugako iryo shirahamwe arongoye ryigisha ivyo gushiraho intwaro ya Tewokrasi yaba na Jean Bosco Barakampfitiye, ntanumwe yambwiye nimba uwuzotwara igihugu azoba yitwa Perezida, umwami canke ukundi, ngo tuzobimenya hageze.  Muriyo ntwaro iterekwa ivya demokrasi Kayange Partice ndamubajije igituma basaba kwemererwa mubushikiranganji bw’intwaro ya demokrasi, yanyishuyeko bobo badatashaka gukuraho demokrasi ku nguvu ariko bazokwigisha abanyagihugu akaba aribo babona ikibereye. Akavugako kugeza muri 2022 bashobora kuzoba bahejeje kwigisha.

Mubashinze iryo shirahamwe CNTBU hakaba harimwo Médar Muhiza, imbonerakure ikomeye ikora mubiro vy’umugambwe CNDDFDD, Keffa Nibizi atwara umugambwe FRODEBU NYAKURI n’abandi batari bake bahejeje kaminuza.

Munyuma rarashoboye kuvugana n’uwuhora avuga ubutumwa burungikwa ku mbuga ngurukanabumenyi avugako akorana na Muyihimpundu Yosuwa naho uwari yampaye numero za Whatsapp twavuganiyeko yari yambwiyeko ariwe yitwa Muhimpundu Lambert, uwo nawe mw’ijwi risa n’iry’umugore rihora rica muri whatsapp akaba yaranse kunyidondora , akiyamiriza  « ibizira vya demokrasi » avugako « tewokrasi igwanya demokrasi, demokrasi nayo ikagwanya tewokrasi». Naramubajije ibibazo bitari bike naho ngo Imana itabemerera kuvugira mu bimenyeshamakuru ico naco bakagihurizako n’abandi bavuga ivya tewokrasi. 

Mubumvise kandi bakizera ubuhanuzi bwa Jean Bosco Barakamfitiye narashoboboye kuvugana n’umuntu yitwa Dieudonné Nduwantare, uwo nawe akemerako yagiye gupfuguza uwo Jean Bosco Barakamfitiye igihe yari yapfungiwe i Muyinga, ko ivyo aganda aravuga nawene ari mubahagurutse ngo baburire abantu. Akamenyeshako Imana itamwemerera kubicisha mubimenyeshamakuru ko bafise uko ubwo buhanuzi bushikira abo bwagenewe ndetse ko azi neza ko no kwa Petero Nkurunziza ubwo buhanuzi bafise  bwashitseyo.

Kw’igenekerezo rya 30 z’ukwa gatanu 2019, Audifax Ndabitoreye arongoye Revolution haguruka, ndiko ndamusaba ko yompa ikiganiro nkamuhuza n’abavuga ivya tewokrasi nka Muyihimpundu Yosuwa na Patrice Kayange, ivyo bose bahavuye banka, yanyishuye ati : « Jerome we ihinduka ryaratanguye kandi ririko rirabandanya ntakindi dufise twovuga kuko vyose biriko birakoreka ku mugaragaro. » yongerako ati : « Umbabarire cane muri kino gihe ntaco turekuriwe kuvuga. Ni hagera nzobikumenyesha. »

Havuga iki mu bundi buvugishwa ?

Nk’umumenyeshamakuru w’ikinyamakuru Itara Burundi nkaba narakurukiranye ivy’abavugishwa bagiye baravuga hamwe n’abavuga amajambo y’Imana bayahuza na Politike y’Uburundi, ndibukako umunsi uwo Gakwaya Damascène nababwiye yirukanwa mu Burundi, ko nari mubamenyeshamakuru twagiye kumubaza ibibazo aho yari mubuyobozi bukuru bw’igipolisi mu Ngagara.

Ico gihe yavuga ko Imana yamubwiyeko  mu Burundi abapolisi bakurubakuru aribo bagiye gukwegera igihugu mu ntambara, atubwirako hagiye kuza inkota y’Uhoraho, ko Adolphe Nshimirimana agiye kwica Petero Nkurunziza, ko muri Kaminuza y’uburundi ariho hazokwadukira intambara, ko amakaritiye ya Musaga, Nyakabiga,..hazoba ubwicanyi buteye ubwoba ndetseko inyuma yiyo ntambara hazoca haba amahoro mu Burundi, ubwo buhanuzi bukaba buri kumbuga zitari nke zo kuri Youtube.

Naragerageje kurondera isano ryoba riri hagati y’abo bavugishwa n’ibihe vya politike  biri mu Burundi, mvugana nabo nababwiye n’abandi bakirisu mu nyuma niko kuronka amakuru avugako hari n’intumwa za Petero Nkurunziza zoba zararungitswe mu bihugu bitandukanye zitwaje ivyo gusenga kugira zigondoze abarundi bahunze kugira batahuke vuba.

Bikavugwako ivyo vyanse hoba hari n’ayandi mayeri ariko arategurwa kugira impunzi zirukanwe ku nguvu mu bihugu zahungiyemwo, abo bavugishwa bakaba bafise akazi ko kuzovugishwa kugira imitima yabahunze ibone kworoha kugondozwa.

Mu bice bikurikira nzobabwira n’ibindi twavuganye nabo nadondaguye n’abandi ndiko ndarondera ndetse nabazobandanya batanga ivyo bazi kuri ano makuru kugira tumenye neza ukuri kwose.