Hari umu Lieutenant Colonel arya igiturire mu Burundi?

Hari amakuru avugwa kumutegetsi wo mubiro bikuru vya Etat Major yitwa Lt Col Niyongabo ajejwe kubika impapuro z’abasoda ko yoba arya igiturire kiri hagati y’ibihumbi bitanu(5000FBu) n’ibihumbi cumi(10000FBu) kubamusaba impapuro. 

Nk’uko amakuru ava mubasoda abivuga, Lt Col Niyongabo yagirizwa  ko yoba atuma abasoda batobato gutoza igiturire kiri hagati y’ibihumbi bitanu(5000FBu) n’ibihumbi cumi(10000FBu) kumusoda wese asaba urupapuro rw’umwidondoro aba akeneye gutwara aho bazikenera nko muri INSSS.

Abo basoda basaba abamukurira kwitohoreza ayo makuru baheze bamukosore mugihe batoba bafadikanije ubwo bubegito.

Twagerageje kurondera Lt Col Niyongabo ngo tumubaze ibimuvugwako turamukena. Uwoba amuzi canke uworonka amakuru mashasha yoyaduha kuri mail yacu itaraburundi2014@gmail.com akabitumenyesha tukamuha umwanya akagira ico abivuzeko.