Burundi: Integuro y’itegeko « ihonyanga ibwirizwa nshingiro » yizwe n’abashingamateka

Burundi

Umushirikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, umutekano n’iterambere rusangi yari umutumire mu nama nshingamateka y’uburundi kuri uyu wa 13 kigarama 2021 aho yari yagiye gusigura integuro y’itegeko rizogenga intwazangabo mu gipolisi c’uburundi.

 « Iyo nteguro itegeka intwazangabo zo mu gipolisi kwubaka izabo aruko bamaze imyaka itatu bakora ntihuye n’ibwirizwa nshingiro kuko ihonyanga ingingo za 28 na 29 z’ibwirizwa nshingiro ryatowe mumwaka wa 2018 »

Ivyo vyashikirijwe n’umunyamategeko yabinonosoye, umushingwamanza  Gustave Niyonzima aho yariko avuga  kuri zimwe mungingo ziri mu nteguro y’itegeko rizogenga intwazanagabo yashirijwe inama nshingamataka n’umushikiranganji Gervais Ndirakobuca uno musi.

Umushingwamanza Gustave Niyonzima asanzwe ari umuhunga muvy’amategeko yongerako ko ingingo ya 28 y’ibwirizwa nshingiro  ivugako umuntu wese afise uburenganzira bwo gukingirwa mumabanga y’ubuzima bwiwe, umuryango, urugo rwiwe hamwe n’ivyavugana n’abantu.

Twobamenyeshako no kuva iyo nteguro yitegeko itarabaho, mu kwinjira mugipolisi babanza gusinya ko batazo kwubaka izabo imbere y’imyaka itatu binjiye mukazi.