Burundi : Abadakurikiza amabwirizwa yo kwikingira COVID19 bagiye guhanwa

Mur’ino misi abategetsi batandukanye bariko baravugako  habaye igwirirana vy’ibiharuro vy’abandura COVID19. Umugenduzi mukuru w’igipolisi yatanze itegeko kubo atwara ryo gufata ingingo zibereye no guhana abo bose badakurikiza ingingo zafashwe zo kugwanya ico kiza COVID19.

Mw’ikete yandikiye abaserukira igipolisi munzego zitandukanye kur’uyu wa 12 kigarama 2021, umugenduzi mukuru mu gipolisi c’uburundi, CP Frédéric Budomo yabasavye gufata ingingo kandi bahane abarenga ku ngingo zo kugwanya ikiza ca COVID19.

Ivyo bibaye inyuma y’ubutumwa bw’umukuru w’igisagara ca Bujumbura bwagabisha abanyagisagara ko ibiharuro vy’abandura  COVID19 vyasubiriye kuduga. Hakaba n’abaciye babihuza n’uko twimirije imisi mikuru irangiza umwaka.