Urunani rw’amakopeke yo mu Burundi FENACOBU rwagirizwa gukoresha amacakubiri mugutanga akazi

Ishirahamwe ry’amakopeke mu Burundi, FENACOBU ryari riramutse rikoresha ikibazo c’abazoronswa akazi kur’uyu wa 3 Nyakanga 2021 kucicaro gikuru caryo kiri i GITEGA kumurwa mukuru wa politike w’uburundi, abahejeje amakaminuza za reta na zimwe muzigenga muvyo bita Instituts bararyidogera ko ryabakumiriye. Abafise urupapuro rw’umutsindo rwa BACCALAUREAT rungana nurwa Licence FENACOBU ivugako ikineye bakaba bankiwe gukora ikibazo nk’abandi.

Mugihe muguhamagaza abakizi, FENACOBU itigeze imenyeshako itazokwakira abahejeje amashure adatanga urupapuro rw’umutsindo bita licence gusa, kw’igenekerezo rya 1 /9 /2021 yaciye isohora itangazo rimenyesha abo bakora ikibazo uno munsi kuwa 3 /9/2021 ko abize ama Instituts batarimwo mubakora ikibazo, abenshi bakaba bankiwe gukora ikibazo kandi bari mubatowe 2137 bacaguwe ngo bakore ikibazo c’uno munsi muri 4111 bari batanze amadosiye.

Ikinyamakuru Itara Burundi cagize amatohoza gisanga ingingo ya 97 y’integuro y’uko amakopeke akora mu Burundi arinayo FENACOBU iriko ikorerako ivugako umukozi azorongora agence be n’icegera ciwe bategerezwa kuzoba bafise urupapuro rwa Licence canke Baccalauréat mu vyigwa vy’amategeko, ubutunzi canke ivyigwa bisa navyo hamwe n’uburambe mukazi bukwiye mubijanye n’amabanki, abo nabo bakazogenwa n’uwutwara FENACOBU bakazokwemezwa n’ibanki nkuru BRB(Ibitera amakenga abakozi b’amakopeke mu BURUNDI)

Ahavugwa akarenganyo

 » FENACOBU yabonye yaronse amadosiye menshi y’abasaba akazi, ica ifata umugambi wo gukuramwo benshi bashoboka ikoresheje akarenganyo. Vyabonetse neza ko yashatse gukuramwo abanyeshure bize muri Kaminuza y’uburundi aho yavuzeko abize ama Instituts batarimwo mubakora ikibazo kandi itari yabivuze kare. Ibaze kubona hari amashure y’abigenga yigisha bimwe n’ivya kaminuza yuburundi, canke inyigisho ziri hasi cane yayo ariko yoyo kubera ibisata vyayo bavyise ama Facultés bigatuma abanyeshure baronka ama Licences mugihe abize muri ISCO na ISGE bobo baronswa BACCALAUREAT. Ikindi cerekanye ko FENACOBU ifise ukuboko kuri inyuma Y’ivyo yakoze nuko yasavye muri dosiye ngo batange ama bulletins abiri y’imyaka ya nyuma, aha mukaba muziko mumakaminuza ya reta atabanyeshure baronka amanota menshi nka DESTINCTION mugihe mumakaminuza yigenga amanota ari nko kwamura. FENACOBU yashatse guha akazi abize mumashure y’abigenga gusa. »

Uwavuganye n’ikinyamakuru Itara Burundi

Twagerageje kurondera abatunganije ico kibazo bo muri FENACOBU ngo tubabaze ivyo bagirizwa ariko ntitwashoboye kubaronka ariko tukaba twashoboye kuronka ivyo biharuro twababwiye hamwe n’uko abakozi bashasha bashobora kutazoshika 50 kubera ibibanza bizwi ari 46 aho hagiye kwugururwa ama COOPEC 23 mu Burundi azoba ahurirwako n’ayandi aho naho hakazoba harimwo umushefu n’icegera ciwe.

Tubamenyesheko agashavu ari kenshi murwaruka rutashoboye gukora ikibazo co kuronswa akazi muri FENACOBU kandi naho baheruka gutanga akazi abize muri BAC bakaba barakuwemwo babwirwako ivy’urupapuro rw’umutsindo rwabo bitaradadanuka neza. Bagasaba reta kubafasha kuronka akazi muri FENACOBU nk’abandi kugira bazoronke amafaranga bishura ingurane bizeko bahawe na reta nyene kandi batuze n’ayo macakubiri afatiye kumashure bize ari mu Burundi.