Burundi : Ubukene buteye ubwoba bwadodoye

Burundi

Abantu batarimunsi ya mirongo itanu hagwiriyemwo urwaruka barafashwe barapfungwa mubiro vya BSR i Bujumbura biketsweko boba bafise amafaranga y’agaciro abandiko boba ari abakomisiyoneri kuwa kabiri igenekerezo rya 07 Nyakanga 2021. Ubukene buteye ubwoba bukaba buvugwako buri kumuryango w‘uburundi buvuye kukubura amafaranga y’agaciro.

Isoko ry’amakuru y’ikinyamakuru  Itara Burundi atashatseko tumuvuga izina, yamenyeshejeko mw’ibanki nkuru ya Republika y’uburundi, BRB, harangwa ubukene budasanzwe bw’amafaranga y’agaciro, ko abadandaza barangura hanze batakironka amafaranga baranguza akwiye kandi ari ayabo baba barabikije muri banki, ari nayo ntandaro y’ikena ry’ibinyobwa vya BRARUDI, isukari ya SOSUMO hamwe n’ikena ry’igitoro bimaze imisi bivugwa mu Burundi mur’ino misi.

Idorari ry’abamyamerika rigeze kuri 3400 FBu , euro ry’abanyaburaya naryo kuri  3900 FBU aho agurishwa mu kinyegero n’abasanzwe bemerewe kuyadandaza mumabanki gusa mugihe bategerezwa kugurisha idorari kuri 2003.49 FBu , euro naryo kuri 2368.11 FBu dukurikije ibiciro vyo kuri uwu wa 9 nyakanga 2021 vyemewe na BRB. Abavunjayi bigenga hamwe nibiro vyo kuvunja amafaranga y’agaciro vyose vyarahagaritswe gukorera mu Burundi kuva 2020. Abo bavyemerewe kuyavunja nabo bikavugwako bikika mukiza aho uwo batazi bamubwirako atamafaranga bafise.

Hambavu y’ubukene buvugwa hirya no hino mu gihugu, hari abakozi ba reta bamaze amezi ane bataronswa imishahara yabo nk’uko amakuru ashikira ikinyamakuru Itara Burundi abivuga.

Nubwo abanyeshure bazotangura kur’uyu wa mbere igenekerezo rya 13 nyakanga 2021, abana b’abakozi bo muri ONATEL hamwe n’ababasoda bari mubutumwa bwo kugarukana amahoro muri SOMALIYA bashobora kutazoronka amafaranga n’ibikoresho vy’ishure bivuye kur’izo ngorane reta ifise y’ubukene bw’amafaranga y’agaciro. Bikavugwako amabanki atacizera abo bakozi kugira abaronse ingurane canke ingurane zo kumishahara yabo, abazironka bikaba bica kure.

Mwomenyako kuva Dr Domitien Ndihokubwayo ashikirijwe amabanga yo gutunganya ivy’ubutunzi bw’uburundi aho yatangura kuzezwa ikigo gitoza amakori n’amatagisi OBR  muri 2014 munyuma akizerwa n’umuhisi Petero Nkurunziza kuba umushikiranganji w’ikigega ca reta n’ubutunzi, ikibanza yizewemwo kandi n’umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye, igihugu cagumye cinjira mubukene budasanzwe.

Ibintu uwo mushikiranganji azokwama yibukirwako ni ingingo bivugwako arizo ziri muvyatembagaje ubutunzi bwigihugu; Kubuza amashirahamwe mpuzamakungu akorera mu burundi gukorana n’amabanki y’ubudandaji, kubuza amabanki y’ubudandaji gutanga amafaranga y’agaciro kubakiriya bayo baba bayarungikiwe n’abari hanze, gufuta amazu yose yo kuvunja amafaranga y’agaciro,   gushinga igitigiri ntarengwa c’amafaranga y’agaciro abadandaza barekuriwe kubikuza kumakonte yabo nahone bigaca kure kugira bayaronke kandi ari ayabo bigatuma urudandazwa rwabo rucumbagira, ivyo vyatumye gukora kumafaranga y’agaciro bicika nk’icaha mugihe mubindi bihungu urwaruka rukubitirwa kurwiza ubuzi rukinjiza amafaranga y’agaciro atangorane.