Terefone ya Col Nshimirimana Augustin yaturitse, ubu ari mubitaro

Hagorobeje havugwa amakuru ya terefone ya Col Nshimirimana Augustin yaturitse mugihe yaragira yitabe uwari amuterefonye ari muri station itanga igitoro iri muri zone Kinindo mu gisagara ca Bujumbura, umugwa mukuru w’ubutunzi w’igihugu c’u Burundi none ari mubitaro be n’umwana wiwe yitwa Melveille. Imodoka nayo ikaba yononekaye nkuko mubibona muri vidéo.

Tubamenyesheko vyama vyanditse kuma stations atanga igitoro ko kizira kuhitabira terefone. Gushika ubu ntawuramenya icateye iryo sanganya.