Burundi: Ntabakenyezi na 30% bari kuronka ibisabwa ngo bazojane n’umukuru w’igihugu muri Amerika?

Kuva kw’igenekerezo rya 11 gushika kurya 18 kigarama 2022, hari umugwi w’abagwizatunga uzoherekeza umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye mu rugendo azogira muri reta z’unze ububwe za Amerika,  mur’abo hakazoba higanjemwo abagabo kubice birenga 90%.

Mu bagwizatunga  41 bibonekako atabagore bane bazoba bari mur’abo bagendanyi kiretse boba bari mubatavuzwe. Abo bashizwe ahabona bikabonekako bamwe bari munzego za reta kandi basanzwe ari abagwizatunga kandi bakazokwirihira itike n’ibizobabeshaho mur’urwo rugendo.

Mur’ino misi 16 yahariwe kugwanya amabi akorerwa abakenyezi , umuntu yokwibazako atabakenyezi bari kuronka ibisabwa kugira nabo bagire amahirwe yo guherekeza umukuru w’igihugu muri Amerika nuko vyoba vyavuye kubindi.

Mwebwe mubibona gute?