Ikiganiro umubano N°0018: Urugo rwansambutse rusambura urundi

Bodwin ni umugabo w’imyaka 35 afise akazi keza ariko agira yahukane ubugira kabiri kubera muramuwe yagumye atunze munzu nawe aca aramwinjirira mw’ibanga. Donate umugore wiwe agira kabiri agira ahebe urwo rugo kuko ngo ntiyoshobora ubuzima abayemwo.

Bondwin yubakanye na Flora, amazina yose ni amatirano nk’uko twama tubikora muri kino kiganiro. Baravanye haraciye imyaka itatu ariko musazawe Fligence ariwe muramuwe bagumye babana. Ndetse Fligence akaba yaragiye arafasha mukwubaka inzu Bodwin abamwo akiri umugabo wa mushikiwe.

Ubu rero muti vyifashe gute?

Bodwin afise akazi kenshi bigashika mbere ntabe muhira imisi myishi, uwari muramuwe Fligence ni umugabo afise umugore n’abana ariko weekend nka zose n’uburuhuko abumara kwa Bodwin, birashika vyarashitse bara ryamana n’umugore mushaha wa Bodwin ariwe Donate.

Donate arakunda Fligence ikibazo nuko uwo nawe afise uwundi mugore, rero yafashe ingingo yo kuva murugo rugo akaruhebera abo bagabo babiri: Bodwin na Fligence kuko ngo abonako Fligence aba ahari nk’uwumucunze kandi umugabo wiwe nawe afise uburenganzira bwo kumara amezi n’amezi ari mukazi kure y’umuryango.

None

Ari hamwe umugore wa Fligence yokwumvako umugabo wiwe aja kumara weekend kuwundi mugore vyogenda gute?

Bodwin ari hamwe uwo mugore wa kabiri yogenda, umubano wabe na Fligence mwumva uzogenda gute?

Tanga impanuro kur’izo ngo.