Burundi : Kuber’iki Denise Bucumi Nkurunziza asa n’uko hari ubwoko ariko arakebura ko butokwihekura bufatiye ku mazuru agororotse?

Mw’ireresi imaze imisi ica ku mbuga ngurukanabumenyi, Dénise Bucumi Nkurunziza aho yariko yigisha ku rukundo, yasiguye ko mu Burundi atarukundo ruhari. Kubwiwe ngo amacakuburi afatiye kuntara, no kubwoko n’iyo nkwezi y’amarere n’indyane za politike igihugu cagiye kiracamwo ; ivyatumye abarundi batemana abarundi batemana abandi barahunga kuberako batinya kwicwa ariko icatangaje abamwumvise n’uko umengo hari ubwoko bumwe ariko asa n’uwuriko arakebura ko botokwihekura bufatiye ku mazuru :

« Amazuru yo aranahenda, turiko tuvyara abana bagororotse , twosanga wikekuye! Ntimuze mubihendeko ! »

Uburundi ni igihugu caciyemwo intambara ifatiye kumoko y’abahutu n’abatutsi kuburyo n’ubu usanga hari amacakuburi ahatari hake na cane cane mubibanza bikomakomeye vyo mu gihugu.  Ubu rero hamaze igihe havugwa abahutu bavyara abana basa n’abatutsi, none vyoba biva kuki ?

Abahinga mubijanye n’ivy’ubuvuzi n’irondoka bavuganye n’ikinyamakuru Itara Burundi bavuga ko ivyo Denise Bucumi yavuze bitabaho ahubwo ko ashoboka kuba yavuze ibindi; Umuntu atwara akoko k’abavyeyi biwe ivyo bita « la génétique ».

Ivyo bir’uko mugihe hari abahamagariye imbonerakure gutera inda abakeba ngo bavyare imbonerakure, ivyasobanuwe n’abarundi bari mu bwoko bw’abatutsi ko aribo biswe abakeba.

Ubwo ntiwoba ari umugambi w’Imana ishaka gufuta indyane z’amoko mu Burundi ikoresheje ubuhinga bwayo ?

Mwebwe aho mwegereye murabibona ? Bimeze gute? Mwibazako biva kuki?