Burundi: Umutekano w’igihugu uracageramiwe

Burundi,

Mubiro vy’umukuru w’igihugu, hari igitabu casohowe n’umukuru w’igihugu, umuhisi Petero Nkurunziza kuwa 30 Ruhenshi 2013 citwa “ Umugambi w’igihugu werekeye ukubungabunga no gutsimbabaza amahoro n’umutekano” ibirimwo vyinshi vyaramaze gushika ariko ibitarashika vyanditswemwo biteye ubwoba kurusha.

Nk’uko vyanditswe mur’ico gitabu ikinyamakuru Itara Burundi cashoboye kuronka ikopi, hatororokanijwe ibigeramiye umutekano w’uburundi bishika ku 222, bimaze guhinyanyurwa neza bisigara ari 113, n’ibindi bitaramenyekana

« Kuvuga ko hariho ibitaramenyekana bisigura ko urutonde rushobora kwiyongera kuko hashobora gushika ikigeramira umutekano umwanya uwo ari wo wose. »

Ivyo dusoma kurupapuro rwa 14 rw’ico gitabu

Ugushira mu mirwi ibibangamira umutekano hakurikirikijwe ibintu bikuru bikuru bihurirako, vyatumye hashikwa ku migwi ikurikira: ibibangamira  umutekano bikomoka ku mvo za poritike, ibikomoka ku mvo z’ubutunzi, ku mvo z’imibano no ku bikomoka ku bidukikije nk’uko ikinyamakuru Itara Burundi kibisasomera mur’ico gitabu.

Ico gitabu catunganijwe n’Umurwi w’igihugu ujejwe inagurwa rya poritike yerekeye ukwivuna abansi, wo mu Bushikiranganji bwo kwivuna abansi no gufasha abahoze ku rugamba.

Kibandanya kivugako inzira yo kumenya ibigeramira umutekano vyaciye mu kubaza abanyagihugu bo mu mihingo itandukanye y’igihugu, yashitse kw’itunganywa ry’ urutonde rwavyo. Urwo rutonde rwihwejwe neza n’«Umurwi w’igihugu ujejwe inagurwa rya poritike yerekeye ukwivuna abansi », na wo uca werekana n’uruhara rw’abegwa n’uguhangana n’ibigeramira umutekano. Urwo rutonde rwaremejwe na Reta kandi ruba ishimikiro ry’umugambi w’igihugu w’ukubungabunga n’ugutsimbataza umutekano.

Ibiri mur’ico gitabu ivyishi biramaze gushika nk’uko muzobikurikira mumakuru y’ikinyamakuru www.itaraburundi.com vuba. Mubandanye musoma amakuru tubashikiriza.