Burundi: Ntawuzi ejo muri CNDDFDD

Twarababwiye amakuru yavugako uwuzosubirira umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye amaze igihe yiyamamaza ariko muri CNDDFDD bavuga ngo:

« Ntawipanga baragupanga »

Kuva aho umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye avugiyeko hariho ba Maconco bashaka kumutembagaza kubutegetsi, agaca ahindura  reta,  munyuma umukuru w’umugambwe CNDDFDD, Reveriyano Ndikuriyo agaca acapisha ifoto yiwe kubitenge vy’abanyamugambwe, amakuru  ashira ikinyamakuru Itara Burundi avugako hari icuka kibi muri uyo mugambwe.

Bamwe bakaba bafise ubwoba ko umukuru w’igihugu aramutse ahesheje gatoya muvyo ariko arahindura bishobora kumuhindukirira.

Inama idasanzwa y’umugambwe CNDDFDD yo gusubiriza abagenywe muyandi mabanga yoba yaragoranye kuba kubera ico cuka kibi, umwe mubo twari twababwiye ko azoja munzego nshasha Anglebert Ngendabanga akaba aherutse gupfa urupfu atawamenye ico rwavuyeko.

Abantu benshi bibaza aho ibihangange nka Bunyoni, Gabriel Nizigama, Déo Guide Rurema na Domitien Ndihokubwayo bari n’uko aribo bariko bategura gutembagaza ubutegetsi bonyene nuko hoba hari ibindi bihangange vyoba vyimirijwe gufatwa.

Mumisi iza tuzobashikiriza umwihwezo w’umuhingwa yavuganye n’ikinyamakuru Itara Burundi uvuga inguvu zidasanzwe ziheruka guhabwa Alain Guillaume Bunyoni yahoze ari umushikiranganji wambere.

Ejo sikera, ejo n’ubu akavuze Léo Burundi