Burundi: Umushingamateka Anglebert Ngendabanka yaraye apfiriye i Ngozi

Nk’uko amakuru ashikira ikinyamakuru Itara Burundi abivuga, uwahoze ari umushingamateka Anglebert Ngendabanka yari yatowe mu ntara ya Cankuzo ibiringo bibiri(2005-2015) ubu akaba yari umukozi w’inamanshingamateka, yaraye apfuye mugihe yari mu bikirwa vyakazi vyariko bibera i Ngozi kur’uyu wa mbere ingenekerezo rya 3 nyakanga 2022.

Uwo yahoze anatwara n’umugambwe uri ku butegetsi  CNDDFDD mur’iyo ntara ya Cankuzo, bamukuye mubikorwa vy’inama nshingamateka vyariko bibera i Ngozi ari indembe mugihe vyatanguye umengo arakomeye, bamujana mubitaro vyaho i Ngozi aca arapfa.

Ivyo vyaraye bibaye mugihe yaramaze indwi nka zibiri asohotse ibitaro vyo mu Kibuye muntara ya Gitega aho yaramaze igihe arwariye, indwara benshi bibajijeko ari uburozi yoba yari yarariye;

Amakuru yashikirira ikinyamakuru Itara Burundi ico gihe yavugako umushingamateka Anglebert Ngendabanka yaduganywe mur’ivyo bitaro ari ikiruruma avanwa i Bujumbura mumodoka y’ishirahamwe rimwe ryo kwunguruza abantu mu Cankuzo-Bujumbura.

Icari catangaje abantu ni ukubona inamanshingamateka itashoboye kuronka imodoka imujana kwa muganga, aho agwariye ntimugwaze gushika naho umuryango ubura amafaranga yo kumurihira ibitaro, bakarinda guterereza muma groupe whatsapp kugira ashobore kuronka amafaranga yo kuriha ibitaro ngo abone kubisohoka.

Gushika ubu urupfu gwa Anglebert Ngendabanka ntawuramenya ico rwoba rwavuyeko.