Burundi : Petero Buyoya yandikiye umuhuza mu matati y’abarundi amumenyeshako urubanza rw’abagirizwa igandagurwa rya Melchior Ndadaye rutumbereye kwanka gutunganiriza abagirizwa.

Mugwandiko uwahoze ari umukuru w’igihugu Petero Buyoya yandikiye umuhuza mu matati y’uburundi, umukuru w’igihugu ca Uganda Yoweli Museveni kw’igenekerezo rya 16 nzero 2020 amenyeshako urubanza rw’abagirizwa igandagurwa ry’umukuru w’igihugu Melchior Ndadaye rwabaye urwa politike.

Petero Buyoya amenyesha imvo nyinshi zerekanako iburanishwa ry’urubanza rw’abagirizwa urupfu rwa nyakwigendera Melchior Ndadaye rudakurikije amategeko ahubwo ko rwabaye igikoresho ca reta y’uburundi co kugarukana icizere kubwoko bumwe inyuma y’imyaka cumi n’itanu yaradindije urwo rubanza.

Petero Buyoya yanditseko kubona atacakozwe kugira urubanza rwaciwe mumwaka wa 1999 kuriyo dossier y’urupfu rwa Melchior Ndadaye ari guhonyanga amategeko kandi ko imyaka 20 yavugwa mumategeko ico gihe yamaze kurenga kuko ruvyuwe harenze imyaka 25 icaha cakozwe.

Yanditse avugako bitumvikana ko umushikirizamanza mukuru wa republika yokwubahuka kuvugako abo yitwarira atazi iyo bari kandi bamwe muribo bazwi iyo bakora n’aho baba hanyuma ikigeretseko reta ikima impapuro zo kwinjira abashingwamanza babo ngo binjire kubaburanira.

Uwo yahoze ari umukuru w’igihugu c’uburundi vugako reta y’uburundi yahonyanze amasezerano y’amahoro no kugubiza hamwe yasinyiwe i Arusha kw’igenekerezo rya 28 myandagaro 2000,  amategeko yaba ay’uburundi canke mpuzamakungu kuko yisunze itegeko yabanje guhinyanyura ikisunga ingingo yo mugihugu c’ubufaransa nayo yafuswe yerekeye kuburanisha abantu batahari. Akabonako kuba atari mu burundi bidasigurako urubanza rumuraba ataburenganzira aronka bwo kuruburana abicishije kubashingwamanza.

Amenyesha abarundi n’amakungu ko yanse kwitaba kuko atigeze amenyeshwa urubanza biciye munzira zemewe kandiko ubutungane butigenga kubera  buriko bukoreshwa kunyungu za politike kandiko atazorota yemera ibizova mur’urwo rubanza ahubwo ko bafise uburenganzira bwo kungururiza mumasentare mpuzamakungu n’aya karere. Arerekana amakenga kukugene ingingo zafashwe n’ubutungane bw’uburundi ziguma ari ikinyegezwa,gushika n’aho uwupfunzwe atamenya ibiri mw’idosiye imupfunze canke abari hanze bazocirwe urubanza rw’agacamutwe bibazako boca muryahumye abashingwamanza.

Tubamenyesheko kw’igenekerezo rya 26 munyonyo 2019 urwo rubanza rwaburanishijwe i Gitega ahapfungiwe bamwe mu bagirizwa, sentare ntahinyuzwa ikaba yaranseko abashingwamanza b’abatitavye amaso mu yandi batinjira mu ntahe y’icese kandi ko kuva ico gihe gushik’ubu rukiri mu mwiherero.