Burundi : Abatutsi baburiye ababo kuri Lycée Kibimba bankiwe kwibuka abanyeshure barenga 150 bahiciwe.

K’igenekerezo rya 21 gitugutu 2020, abacitse kw’icumu mubwicanyi bwabereye kuri Lycée  Kibimba bafadikanije n’imiryango yahaburiye ababo bankiwe kwibuka abanyeshure barenga 150 b’abatutsi batuririwe muri station y’igitoro yo kw’i Bubu.

Nk’uko vyahora bigenda mur’iyi myaka iheze yose, abavyeyi n’imiryango baburiye ababo muri Lycée  Kibimba muntara ya Mwaro, bahora bifadikanya n’abanyeshure bacitse kw’icumu bakibuka ababo ariko amakuru ashikira ikinyamakuru Itara Burundi amenyeshako Venant Manirambona, buramatari w’intara ya Gitega yabukije abo bariko barategura urwo rubanza abicishije kuri terefone.

Umwe mubacitse kw’icumu yiga kuru Lycée Kibimba igihe hakorwa iryo shano twavuganye yaraduhaye intahe mushobora kwumviriza kur’ubuga rwacu www.itaraburundi.com ukuntu wewe yashoboye kurokoka.

Amajwi y’uwacitse kw’icumu kuri Lycée Kibimba.

Umwe mubashoboye kurokoka bashikanywe kw’i Bubu mushobora gukurikira intahe yiwe kuri konte youtube ya TV Rennaissance mufyonze ngaha.

Hari uwita Thaddée Nzigamasabo, umutegetsi muri ABR afise ikiganiro citwa Bimenye ntaco bitwaye wewe avuga ibitandukanye cane n’ivy’abo bacitse kwicumu. bavyumvise bakavugako bitangaje kwumva hari abantu bashobora guhakana ukuri kuzwi n’abantu bangana ukuraho.

“Ntivyumvikana ukuntu muri ico gitondo nyene Ndadaye ahejeje kugandagurwa baciye baronka imipanda n’amacumu bishasha, na essence baturirishije abo bana kandi iyo station ya essence itari igikora.” Ivyo abacitse kwicumu benshi bataratahura.

Uwo munsi wa 21 gitugutu 1993, ariho hagandagurwa umukuru w’igihugu Melchior Ndadaye, ivyo benshi bafashe nk’umugambi w’ihonyabwoko warusanzwe warateguwe kubera batumva ukuntu ubwo bwicanyi bwakorewe abatutsi biga kuri Lycée Kibimba n’abanyagihugu bahegereye vyabereye umusi umwe.  Ibirori vyo kwibuka Melchior Ndadaye yari mu bwoko bw’abahutu bikaba vyabaye uko vyahora bigenda mugihe abo bibuka abatutsi bobo bankiwe kwibuka ababo.