Burundi: COVID19, ninde atazoyikamisha?

Mugihe ikiza ca COVID19 gisa n’icahagaze mu Burundi, mu bushikiranganji bw’amagara y’abantu no kurwanya SIDA haribonekeza mur’ino minsi ingendo yo gusubira kugikwiragiza biciye mukurya ibiturire no kunyotora amafaranga yagenewe kukirwanya.
Nk’uko amakuru ashikira ikinyamakuru Itara Burundi abivuga, ikiza ca COVID19 gisigaye gisa n’icaheze aho hasigaye abarwayi bababa 30 igihugu cose nabone bakaba ari abava hanze gusa.
N’ubwo biruko, abakozi bo mu bushikiranganji bw’amagara y’abantu no kurwanya SIDA baragirizwa n’abajejwe kurwanya ico kiza ko hari amafaranga yatanzwe n’amashirahamwe mvamakungu kugira afashe abari kurubuga ariko nabo bakaba baranse kuyashikiriza beneyo.

« Agashirukabute abarwanya COVID19 bari bemerewe baramaze kuronswa amezi atanu(kuva ntwarante gushika myandagaro), ariko dufise amakenga ko hariko haraba ubusuma buteye ubwoba kumafaranga yatanzwe na UNICEF, aho abakozi b’iwacu mu biro banse kuyatanga ngo nabo bataronseko, barandikiye UNICEF ngo itange ayandi nayo irinumira kuko yari yatanze amafanga ifatiye kumazina y’abari kurubuga. »

Umwe mubo twavuganye.

Haravurwa kandi abakozi bo mur’urubwo bushikiranganji bigize abakomisiyoneri b’amahoteri aho baka igiturire mubafise amahoteri kugira babazanire abantu baba binjiye muburundi baciye kukibuga c’indege, umuntu umwe bakamuronkerako amafaranga atari munsi y’ ibihumbi mirongo itanu(50000FBu) bafatiye kuyo umukiriya atanga kw’ijoro rimwe.
Abakozi bo mur’ubwo bushikiranganji barwanya COVID19 bakaba bafise ubwoba ko ico kiza fishobora kwongera gukwiragira mubanyagihugu kubera ako kajagari ko kutakirira abavuye hanze ahantu hamwe be n’uko kumenyera kurya amafaranga y’ibiturire no kunyuruza imfashanyo. Bagasaba umukuru w’igihugu gufata muntoke ico kibazo imbere y’uko amazi arenga inkombe.

Tubamenyesheko umugambi « Ndakira-Sinandura kandi Sinanduza COVID19 » wari watangujwe n’umukuru w’igihugu Évariste Ndayishimiye akija kubutegetsi waheze kur’uyu wa kane w’iyindwi dusozereye, ibirori bikaba vyabereye mw’ihoteri « Club du Lac Tanganyika. Uwuzokwumva ibimenyetso vya COVID19 akaba azoja kwivuriro rimwengereye nk’inzindi ndwara zisanzwe.