Burundi : «… ububasha ku makungu no kubwami bwo kurandura no gusitura, gutikiza no gusenyura » amasengesho ya CNDD-FDD

Duheruka kubabwira amakuru ko  umugambwe uri kubutegetsi mu Burundi, CNDD-FDD wimirije guhindura inzego zimwe zimwe hamwe no guhinyanyura amategeko awugenga, hoba ari mur’iyo ntumbero watunganije igikorane c’imisi itatu kizobera muntara ya Gitega mundwi iza.

Nk’uko amakuru ashikira ikinyamakuru Itara Burundi abivuga, umugambwe CNDD-FDD iyo integuro zawo ziba zamaze kuja ahabona utegerezwa kwerekanako ivyavuzwe ari ibinyoma muguhindura bimwe mubiba vyari munteguro. Twari twababwiye ko wari wateguye ikoraniro kaminuza kuwa 16 nzero 2022, ukwaba waciye utegura igikorane kizoba  ku magenekerezo ya 20, 21 na 22 kizobera mu Magarama mu ntara ya Gitega ku civugo kigira kiti: « Biturutse kububasha ihabwa n’itorwa, indongozi ni inkingi yo kubaho kw’abijejwe» ijambo ryo muri bibiriya rivugako bahawe ububasha ku makungu no kubwami bwo kurandura no gusitura, gutikiza no gusenyura dusanga muri Yeremiya 1 :9-10 akaba ariryo uwo mugambwe wafashe nk’ifatiro ry’ico gikorane.

Amasoko y’amakuru  yacu mur’uyo mugambwe  akavugako uwo mugambwe ufise vyinshi ugomba guhindura, ico gikorane c’amasengesho akaba ngo ar’ico gutegura imitima y’abanywanyi bawo.  Ikoraniro kaminuza rikazoca rikurikira canke rikaba hagati mur’ico gikorane nko mugitondo canke igikorane giheze.