Burundi : Ikiganiro Umubano N°013: Inkwano zoba ari ikiguzi ?

Burundi

Mu kiganiro Umubano N°12 twarababwiye ko hari umugore yari yarakowe hanyuma inyuma yo gupfakara akiri muto  aca abengukwa n’umusore, umuryano yari yubatsemwo n’uwo avukamwo bikanka uko bumvikana kuwuzotora inkwano bamwe bati ni twebwe abandi bati mwanguha. Abatanze ivyiyumviro harivyo batahurijeko.

Benshi bavuzeko umuryango yari yubatsemwo ariwo utegerezwa kumukosha kuko ngo wari waramukoye kandi ubu niho iwabo.

Abandi bakeya bavuzeko umuryango yavukiyemwo ariwo womukosha. Bakavugako iyo umukobwa yakowe bidasigurako aba yaguzwe.

None kubwanyu inkwano ni ikiguzi ?

Abavyeyi benshi banka ko abakobwa babo bubakana n’abo bakunze kubera baba babuze amahera y’inkwano mwobahanura iki ?