Burundi: Kuwa 15 Ruhuhuma 2022 impapuro z’umutsindo za kaminuza zitegerezwa kuba zabonetse

Burundi

Ni Amakuru y’umunezero kubari barize amakaminuza atandukanye na cane cane abize muri Kaminuza y’u Burundi no mw’ishure nderabigisha ENS  ariko bakaba bari bamaze imyaka irenga 6 bataronswa impapuro z’umutsindo: Ubushikiranganji bw’indero n’ubushakashatsi bwaraye bushinze igenekerezo rya 15 ruhuhuma 2022 kugira izo mpapuro zizobe zabonetse  zihabwe benezo.

Mu butwumwa bwo kuri twitter y’ikinyamakuru Itara Burundi  twanditse kuwa 8 nzero 2022 ko hari abanyeshure bamaze imyaka irenga itandatu bataronswa impapuro z’umutsindo bakoreye. Ko atamahirwe yo kwiga hanze bashobora kuronswa kubera iyo ngorane.  Twaciye turonka ubutumwa ko hari nabahejeje 2009 batari bwazironswe.

Inama yihuta ikaba yaciye ikorana ejo kuwa 11 nzero 2022 aho umushikiranganji w’indero n’ubushakashatsi Dr François Havyarimana yakoranije inama y’abegwa bose no gusinya kumpapuro z’umutsindo z’abahejeje ama kaminuza.

Baciye biha igenekerezo rya 15 ruhuhuma 22 ni ukuvuga ikiringo c’ukwezi kumwe kwo kuba bahejeje gusinya kumpapuro zose z’imitsindo z’abanyeshure bahejeje amashure kugira bace batangura kuzironswa.

Tukaba tutararonka umwe mubasinya kur’izo mpapuro ngo tumubaze ko nk’abo bamaze imyaka irenga 6 batarazironka ko bazosinyako bazironkejwe mumwaka wa 2022 n’uko bazokwandika amatarike ya kera kugira uwusoma urwo rupapuro ntazokwibaze ko badubuye kenshi kandi atari amakosa yabo.