Burundi: Umukenyererarugamba Nkundwa Beatrice akekwa kuba yarishe umugabo wiwe Guillaume Nkenshimana.

Mw’ijoro ryo kuwa 15-16 myandagaro 2020 mu Kibenga mu gisagara ca Bujumbura, harishwe umugabo yitwa Guillaume Nkenshimana , urupfu rwagirizwa umugore wiwe Nkundwanabake(Nkundwa) Béatrice.

Amakuru ashikira ikinyamakuru Itara Burundi ava mubegereye uwo muryango amenyeshako Guillaume Nkenshimana, yarasanzwe yikorera utwiwe nk’umunyabigega yabinonosoye(Comptable Professionel) yaramaze imisi abanye nabi n’umugore wiwe Béatrice Nkundwa, umukenyererarugamba w’umugambwe CNDDFDD yakora mw’ibohero rikuru rya Mpimba.

Inyuma y’amezi makeya Guillaume Nkenshimana anyegurutse aho yaramaze imisi yinyegeje imbonerakure zari zazanywe n’umugore wiwe ngo zimwice Imana igakinga, kw’igenekerezo rya 15 hoho Imana yabonyeko yomwiyegereza. Atashe yoba yasanze mucumba ciwe, mubonako no batari bakibanye nk’umugore n’umugabo na Béatrice, yoba yasanze hari abagabo bamwibundiyeyo baramwica. Umugore wiwe bikavugwako yaciye akoma induru avugako umugabo wiwe yiyahuye mugihe amaremenyantanya yari yakozwe vyavugwako n’umwana yari kubonako adafashe kandi ababanyi bari basanzwe bumva umubano ko utifashe neza. Kuva kw’igenekerezo rya 17 myandagaro 2020, Nkundwa Béatrice akaba ari muminwe y’inyamiramabi aho ariko arabazwa, umuryango wa Guillaume Nkenshimana nawo ukaba uri mukigandaro n’abana bane bari baravyaranye.

Guillaume Nkenshimana ariko asoma igitabu gisozera amashure yiwe ya Master, umugore akaba ataboneka aho twakuye iyo foto nkako bikavugwako atari yitavye ivyo birori kubera umubano mubi. ©Photo Facebook

Bikavugwako umubano muri uwo muryango watanguye kugenda nabi aho uwo umugore wiwe yinjiriye mumuhari w’abakenyererarugamba b’umugambwe CNDDFDD aho yatangura gutaha atevye avugako yari munama, munyuma uwo mugore atangura kugendana n’abandi bagabo, bikavugwako vyashika no kurara mugahinga akararayo ariko gushirwa mubihano n’abandi bakenyererarugamba, umugabo wiwe abituye ngo bamuhanure, anababwirako yamusezeraniye kumwica, ko yamubwiyeko.

Nkundwa Béatrice bikigendeka mumurya

Twagerageje kurondera abo mur’uwo muryango kugira tubabaze ibirenze kur’ivyo twamenye ariko tukaba tutashoboye kubaronka.