Burundi : Umushingamateka yagirizwa kwica umuntu

Umushingamateka Alodie Niyonkuru umushingamateka yatowe mu ntara ya Cankuzo nk’umuhutukazi nk’uko Inamanshingamateka yabishize ahabona, bivugwako yakuweko ubudahangarwa kugira azobazwe kw’idosiye yaragirizwa yo kwica umuntu afadikanije n’umugabo wiwe Nyamiye Christophe asanzwe nawe ari umukuru wa wa zone n’intara ya Cankuzo intara mur’iyi minsi iheze. Amakuru ariko aravugwa cane mu Cankuzo. 

Nk’uko amakuru ashikira ikinyamakuru Itara Burundi abivuga, uwo mushingamateka yagirizwa gufadikanya n’umugabo wiwe hamwe na muramuwe mukwica umuntu bamuziza amatati y’amatongo. Ubu akaba yoba amaze no gukurwako ubudahangarwa.

Nyamiye Christophe, mushikiwe Nyamiye Générose hamwe n’umushingamateka Alodie Niyonkuru bivugwako barondeye abantu baza kwica umuvukanyi wabo bapfa amatongo ari ku mutumba Kigusu, komone n’intara ya Cankuzo. Umugambi umaze gushirwa mungiro, Générose bikavugwako yaciye ahata terefone, bayisangamwo ubutumwa bwoba aribwo bwakoreweko mukumufata agapfungwa.

Amakuru turonka avugako umushingamateka Elodie yoba yaramaze gukurwako ubudahangarwa kugira yitabe ubutungane ariko ivy’ipfungwa ryabe n’umugabo wiwe Nyamiye Christophe bikaba bitaremezwa narirya ari ibihangange mumugambwe uri ku butegetsi CNDDFDD, bica bagakiza mur’iyo ntara. Bikavugwako Christophe Nyamiye yoba yarahunze ivyo bamwe bafatako ari ukumukingira ikibaba.