Burundi : Umwaka wa 2020 utanguye nabi kubihereza ibinyobwa vya BRARUDI

Kuva kw’igenekerezo rya 24/12/2019 buca haba Noweli gushika kuri rino genekerezo rya 01/01/2020(ubunani) ibinyobwa vya BRARUDI aho bitabuze vyaradugije ibeyi, n’ibiburiburi amafaranga amajana abiri kw’icupa ugereranije n’ibiciro bisanzwe .

Haba i Bujumbura, Rumonge no kumurwa mukuru wa Politike w’uburundi i Gitega aho tumaze kuronka abaduha amakuru, ikinyobwa ca AMSTEL kigurwa amafaranga 2200 kw’icupa, ifanta ikagurwa amafaranga 1000 murumonge kiretse i Gitega ifanta igurishwa F800 ariko ifanta hakaba hari nke cane abandi ntanizo baronse.

Ikinyobwa ca PRIMUS nacone nticaretse kuduzwa ibeyi kandi abacihereza baguma bidoga ko gisigaye cataye akanovera kikaba kigugwaF1600 kw’icupa; « Mudusabire reta idufashe hakorwe AMSTEL nyinshi kubera ibiyeri bisigaye bisosagirika ukamengo n’ibisukari gusa.  » umunyagihugu yavuganye n’ikiyamakuru Itara Burundi.

Tubamenyesheko ibiciro bisanzwe ari 1800 kuri AMESTEL, 700 ifanta hamwe na 1500 PRIMUS kandi ko ivyo bibaye inyuma y’imisi mikeya abategetsi bagabanije amasaha yo kwugurura ubunywero aho ahenshi ari kuva cumi n’imwe z’umugoroba(17:00) gushika satatu z’ijoro(21:00) ndetse hari nabari basavye abadandaza kutikika mu kiza ngo baduze ibiciro