Burundi : Isima ya BUCECO yadugije ibeyi

BURUNDI, BUCECO

Mugihe abarundi benshi bamenyereye kwubaka imvura icitse, kuronka isima kugiciro kizwi ca 24500FBu mur’ino minsi ni nk’indoto. Uno munsi igiciro c’isima ya BUCECO kiri hagati ya 26000 na 35000 FBu bivanye n’intara, ikomine canke zone isima idandarijwemwo mugihe inzu za nyakatsi zicuzuye mu gihugu kandi n’inyubako rusangi nyinshi zikaba zigikenewe kwubakwa.

Turetseko hari abadandaza bikika mukiza bagategeka uwuje kugura isima kugurana n’ibindi bikoresho vyo kwubaka hari abagenda muri BUCECO(Burundi Ciment Company) biyitako ari imbonerakure z’umugambwe uri ku butegetsi bakarangura isima kugiciro kizwi ca 24500FBu ku mufuko bagaca bayidandariza ngaho nyene canke munzira kumafaranga 29000FBu abandi 30000FBu nk’uko amakuru ashikira ikinyamakuru Itara Burundi abivuga, ivyo bigatuma abadandaza bari baje kuyirangura baca baduza ibeyi bayishikanye mumadepo yabo.

Abagwizatunga bo mu gisata co kwubaka bobo ubwanwa bwarapfutse umunwa kuko mugupatana inyubako z’amazu menshi harimwo iza reta baba bategekanijeko umufuko uzogurwa kugiciro kizwi na reta ariko bakaba ataco BUCECO ibafasha ngo baronke isima vyoronshe, bavugako bagiye guhomba reta n’itafata ico kibazo muminwe.

Uburorero twotanga ni nko mu ntara za Karusi aho umufuko w’isima ya BUCECO ugurwa hagati ya 27000 na 32000FBu, Gitega hagati ya 30000 na 33 000FBu, Makamba hagati ya 32000 na   35 000FBu , mu isagara ca Bujumbura hagati ya 26000 na 30000FBu , Ruyigi hagati ya 26 na 29000FBu, Cankuzo hagati ya 26000 na 30000 FBu, vyose bikavana n’urugendo ruri hagati y’intara n’ikomine isima idandarizwako kandi nahone isima ikaba idapfa kuronkwa n’uwariwe wese.

Twobamenyeshako har’intara zikibarizwamwo inzu z’ivyatsi bita nyakatsi n’ubwo hariho ibisagara vyishi biriko biraguka kumuvuduko uteye ubwoba, amashirahamwe akora isima akaba yarakenewe kubwishi mu Burundi narirya har’ibikoresho bikorwamwo isima twifitiye.