Burundi : Umwuga wo guteka ntugiteye isoni.

Mugihe aho hambere abakozi bo mu gikoni bafatwa nk’abakozi bagayitse ubu uwo mwuga usigaye uhurumbirwa n’abize bakabinonosora muri uyu mwaka wa 2020.

Umuboyi, umu groom n’ayandi mazina niyo bahora baha abakozi bo mugikoni,ubu umwuga woguteka abawukora ntibaterwa isoni no kwitwa aba cooker kanatsinda hasigaye hari n’amashure avyigisha. Tubonye kumbuga ngurukana bumenyi igishushanyo coba cakozwe n’umuhinga muvyo guteka yitwa Mamadou Ndiaye(yoba atakiba mu Burundi) aho yashushanije umutwe w’umuntu akoresheje ivyamwa, twashatse kumenya nimba mu Burundi hari abahinga boshobora gukinjika neza maze dusanga ni benshi.
Twabahitiyemwo uburiro bwitwa « Nyaburunga Restaurant » aho hari abahinga bakinjika muburyo bwa kijambere.
Ushitse muri Rohero 2, kuri Avenue de la mission hagati mu gisagara ca Bujumbura, umugwa mukuru w’ubutunzi w’uburundi, wegereye aho bakorera kuri numero 11 wumva hamota neza. Abahafungurira nibo bahatera amashurwe hamwe n’abamaze kuronswa inyisho zo guteka biciye kumbuga ngurukana bumenyi nka whatsapp zitangwa n’abakozi bubwo buriro. Twobamenyeshako mu guteka ari umwuga utunze abantu benshi, kandiko umuntu abaho neza iyo yafunguye neza nakere baca umugani mukirundi ngo Ubwiza buca mukanwa.
Nkuko amakuru dukura muri ubwo buriro abivuga umuntu ashobora kubaterefona canke akabandikira bakamukorera commande yiwe vyihuse:
Tél: +25779047097/+25779149703
E-mail: nyaburungarestaurent@gmail.com
Mushobora kubona muri bimwe bakora n’ivyo bagerageza kwigana.