Burundi : Urugendo rwambere rwa Évariste Ndayishimiye hanze y’igihugu.

K’ur’uyu wa gatandatu igenekerezo rya 19 nyakanga 2020 harategekanijwe urugendo rw’umukuru w’igihugu Évariste Ndayishimiye azogira i Kigoma mugihugu ca Tanzaniya .
Muri urwo rugendo rw’umunsi umwe, umukuru w’igihugu Evaritse Ndayishimiye akazokwakirwa na mugenziwe John Pombe Magufuli, baganire n’abatanzaniya mukibanza citiriwe ikiyaga Tankanyika hanyuma bagire umubonano.
Tubamenyesheko arirwo rugendo rwambere umukuru w’igihugu Évariste Ndayishimiye azoba agize hanze y’igihugu kuva ashikiriye ayo mabanga kw’igenekerezo rya 18 ruheshi 2020 aho yarahiye gihutihuti inyuma y’urupfu giturumbuka rwa Petero Nkurunziza.