COVID19 koko yaraheze mu Burundi ?

Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu no kurwanya ikiza ruhonyanganda SIDA buherutse gusohora icegeranyo cerekanako COVID19 yagabanutse kurugero rurenga 90% mu gihugu cose ko hasigaye abarwayi 10 gusa.

Amahukuru ashikira ikinyamakuru Itara Burundi amenyeshako abarwaye COVID19 boba barenga 40 ariko akemezako ibikoresho vyo gupima ico kiza bikwiye kandi n’abaganga bakwiye.

Ibiharuro bitangwa na reta vyo kw’igenekerezo rya 20/9/2020

Abahinga muvy’indwara zandukira baremezako umuburyo bwo gukinga ikiza nka COVID19 biciye mukwanduzanya abantu ari benshi « immunité collectif » bufasha cane: umugera urayerera mukirere abantu bagahema impwemu urimwo gurtyo niyo bafashwe ntibaheza ngo barembe cane.

Biravurwako mumeze yambere ico kiza gishitse cahitanye abantu benshi cane ariko ubu nubwo igiharuro ubushikiranganji buvuga bitandukanye n’igitigiri kihari, benshi baremezako COVID19 yagabanutse cane, ahubwo ikibazo gisigaye kubwoba bw’umutekano kurusha ubwico kiza. Abantu bagatangazwa n’amafaranga y’umurengera asabwa abashaka kwipimisha ngo baje hanze canke bavayo(Amadorare mirongo itanu,50$), aho womengo ni igihano bahabwa mugihe amaraso y’uwipimishisha aguma mugihugu arico kimwe n’ayuwoba agiye kwivuza canke kurangura ibidandazwa mumakungu.

Tubamenyesheko umurwi wo mubushikiranganji bw’amagara y’abantu be no kurwanya ikiza ruhonyanganda SIDA wakoze ijoro n’umutaga kugira ikiza ca COVID19 kigabanuke bacidogako reta yabahenze ngo izobaha uburusho ihereye mukwa gatatu 2020 amaso agahera munzira.

Ikindi twobamenyesha nuko n’umugambi washizweho n’umukuru w’igihugu ugira uhere ariko abajejwe amagara y’abantu bagasaba abanyagihugu kubandanya bakurikiza amabwirizwa yo kwirinda ico kiza.