Burundi : Uruhara rw’abapolisi mugukwiragiza ikiza ca COVID19

Abanyagihugu bamaze imisi bidogera abapolisi ko bariko bagira uruhara mw’ikwiragizwa ry’ikiza ca CORONAVIRUS (COVID19) biciye mubikorwa vyabo vya misi yose hamwe no mu kurya ibiturire vy’ababa bavuye mubindi bihugu.

Mu gihe bisanzwe bizwiko abavuye hanze y’uburundi na cane cane mu bihugu vy’abonetsemwo ikiza ca CORONAVIRUS babanza kumara imisi 14 ukwabonyene, abapolisi bakorera ku mipaka uburundi buhana na Tanzaniya hamwe na Kongo bivugwako baka ibiturire abantu bakinjira bagasohoka nk’uko bisanzwe. I kobero mu ntara ya Muyinga hoho bamwe bakaba bamaze gutabwa muriyompi bagirizwa kurya ibiturire abandi gutorokesha ababa bashizwe ukwabo, aho atacigera kigorwa akaba ari kumupaka wo mu Gatumba aho abantu babandanya binjira basohoka hatanzwe ibiturire ku bapolisi.
Hambavu n’ivyo, habandanya haba isakwa mumazu y’abantu ; akarorero ni isakwa ryazindutse muri zone Nyakabiga iri mugisagara ca Bujumbura kuri uyu wa kane igenekerezo rya 23/4/2020, abapolisi bakaba binjira mumazu y’abantu bagasaba amakaye n’uburangamuntu.

‘Ibaze umupoli yatse karengamuntu umuntu umwe agwaye agaca asaka impangu cumi bose agenda arabaka karangamuntu n’ikaye abikorako abahereza, mwumva yoba yandukije bangahe? »

Umunyagihugu yibaza

Tubamenyesheko abantu 11 aribo reta imaze kwemeza ko aribo bandiye CORONAVIRUS, murabo ikavugako batanu bakize uwundi umwe yapfuye mugihe amakuru abandanya adushikira avuga abarenga 23 bakorera icapiro ry’ibitabu PACOBU bafashe. Aho akaba ariho uwumaze gupfa yakora, bakaba aribo basohora n’ibinyamakuru vya reta Renouveau na Ubumwe, ico kiza kigashobora gukwiragira giciye ngaho nyene.

Tworangiza tubamenyesha kandi ko ubwoba ari bwinshi mubasomyi bivyo binyamakuru hamwe n’abari mugisagara ca Bujumbura basakwa n’abapolisi binjira mumazu menshi kubera ico kiza candukira ningoga kandi babona reta iriko ikwega ibirenge mugufata ingingo zikomenye zo gukinga.