Abanyagihugu bo mu gisagara ca Bujumbura baridogera igipolisi ko kibaka amafaranga ataho yanditswe mu mategeko y’u Burundi

Mu gihe abarongoye uburundi bama bariko baravugako umutekano ukwiye kandi igihugu ari nyabagendwa abanyagihugu baridogako uwo mwidegemvyo atawe babona kandiko n’igipolisi gibahohotera.

Tuganiriye n’umwe mubanyagihugu  bo mugisagara ca Bujumbura yatubwiye muri aya majambo akurikira:

“Uravyuka ugasanga mwugarijwe mw’ikaritiye n’abapolisi, iyo ushitse hagati mu gisagara ukihenda ugahagaraga ngaha kuri Bata canke mu micungararo urindiririye nk’umuntu ubonako ariho haba hazwi, ubona abapolisi bazanye amakamyo bakabatereramwo babashikana mu gasho bakabandikira ngo muje kuriha amande y’ibihumbi hagati ya cumi a mirongo itanu bivanye n’uko babona umuntu ngo muriko muriyerereza. Mwagenda mushitse muri OBR bakababaza ubwoko bw’amande muriha, ubabwiyeko ari ayo gutembera mu gisagara bakabura aho bayandika, barondera ayo kwitembereza canke kwiyerereza basi naho tuba turenganijwe bakayabura, rero turarushe no kuba nk’abapfungwa atawugitembera mu mwidegemvyo”

Abo banyagihugu bidoga bavugako icaha co guhagarara mu gisagara ca Bujumbura ko cokwandikwa mumategeko bakamenyako kizirako uwudafise imodoka atohegera hako bama batotezwa bakwa amafaranga ataho afatiye muri kino gihe ubukene bwabaye ndanse.

Bakabandanya basaba reta ko yokurikiranira hafi abapolisi bahohotera abantu bakabafatira ibihano kuko umwidegemvyo ari uburenganzira bw’umunyagihugu kandi baburekurirwa n’ibwirizwa nshingiro.