Burundi : Zimwe mungaruka zo kubomora amazu yubatswe ahatemewe zatanguye kwibonekeza

Burundi, amakuru

Mugihe hamaze imisi hashirwa mungiro umugambi wa reta wo kubomora inyubakwa zubatswe mu bibanza bitemewe kwubakwamwo igihugu cose, mu gisagara ca Bujumbura hatanguye kwibonekeza ingarukambi zitari nke aho havugwa n’uwoba yariyahuye kubera yabomorewe inyubakwa.
Amaku ashikira ikinyamakuru Itara Burundi avugako abafise amazu yo kudandarizamwo yegereye kw’ikaburimbo bamaze kubona hari ababomorewe cane nabo bafise amwe mumazu yabomowe kubera yegereye barabara  baciye buriza ibiciro vyo gupangisha.
Bikavugwako amazu yadugije ibeyi yo gupangishwa hagati  y’incuro ziriri na zitanu bivanye naho inzu iri.
Ikindi n’uko havugwa umugabo yoba yarihahuye yihora kuba yabomorewe inzu ariko bagatinya kubivugira hejuru kumvo z’umutekano w’abasigaye.
Tubamenyesheko hari amazu abajejwe kubomora bakorako bagasha baravye igicizo cayo canke igihagararo ca nyeneyo. Aha tukavuga nk’inyubakwa nziza y’igisagara ca Bujumbura yitwa Hôtel de la Ville yegereye ibarabara, uruzitiro rw’ingoro y’umugambwe uri kubutegetsi hamwe n’izindi zitarinke bivugwako hariko hakorwa amanama y’urutavanako kugira hafatwe ingingo atamwana n’ikinono.
Ivyo biruko mugihe atagicapo c’igisagara na kimwe kiraja ahabona kugira umuntu wese agura iparasera canke uwubaka ashobore kwirabira ntahave yubaka ibizoruhira kubomorwa.