CORONAVIRUS muri kaminuza y’uburundi

Inyuma yaho umuyobozi w’igisata c’ubuganga(Médecine) muri kaminuza y’uburundi afatiye ingingo zo kwirinda CORONAVIRUS kubasoma ibitabo birangiza amashure, hari umunyeshure yaraye apimwe CORONAVIRUS(COVID19) yiga muri Campus Rohero.

Mugihe reta y’uburundi ibandanya gutegura amatora azoyangura kw’igenekerezo rya 20/5/2020, COVID19, ikiza c’ingwara yatanguriye mugihugu c’ubushinwa muri kigarama 2019, kiguma gishawara mubisata bikoreramwo abantu benshi.

Ahamaze kuvugwa akaba ari mwicapiro ry’ibitabu PACOBU, clinique Prince Louis Rwagasore, OBR, sentare nkuru ya Ntahangwa na kaninuza haraye hatowe umunyeshure ayigwaye.

Amakuru ashikira ikinyamakuru Itara Burundi akamenyeshako abagwaye COVID19 bavurigwa mumihana yabo kandi ko n’abiketswe benshi bagumizwa muhira. Uwuterefonye kuri 117 aho kuza abaganga baza gupima umugwayi yiketswe bikavugwako haca haza igipolisi kibuza abaho bose kuva mumazu. Akarorero akaba ari imiryango 7 yo mu kinama igire ikwize indwi yugarijwe n’abapolisi kubera umuntu yahashikiye avuye Tanzaniya .

Aho ni mugihe ubushikiranganji bwo kubungabunga amagara y’abantu butagishikiriza amakuru yerekeye ico kiza nk’uko mu hindi bihugu vyo kw’isi babikora kumunsi kumunsi canke ngo reta ifate ingingo zihambaye zo kurinda abantu kwandura ari benshi nko kwugara amashure, guhagarika amakoraniro y’abantu benshi, amasegero, inkino z’imipira n’imanza zihuza abantu benshi. Bikavugwako benshi bamaze guhitanwa n’ico kiza kukubura uwubavura n’abivuza bakankirwa gupimwa COVID19 kandi babona ibimenyetso ndetse na Therence Sinunguruza yahoze ari icegera c’umukuru w’igihugu ariyo yoba yaraye imwishe aho yapfiriye muhira iwe ku Mutanga Nord.

Icokiza gifata abantu bakorora, bashuha, bacibwamwo, babira intuguta nyinshi, bacika intege hakaba n’abazibira mumazuru ntibamoterwe ndetse nabatakaza kwumva akanovera kivyo barya kikandukira mugukora kumuntu agwaye.

Mukwirinda CORONAVIRUS, ni kwirinda kukuramukanya mukoranako, kwirinda kwegera abantu hari abantu benshi, gusiga imetero hagati y’abantu babiri no gutabaza abaganga iyo habonetse uwikekwako ibimenyetso.