I Bujumbura, abatwara amakinga, amamoto n’ama tuk tuk baguye mumutego

Muri kino gitondo igenekerezo rya 17 gitugutu 2022, abatwara amakinga, ama moto n’ama tuktuk bavyutse bumva igihuha kivugako reta mvyeyi yasubiriye kubibuka ikabemerera gushika mu gisagara ca Bujumbura, ariko bariko bafatwa kubwinshi kuko batari baziko ari ikinyoma.

Umunezero wamaze umwanya urume rumara

Nk’uko bishikirizwa n’ubushikiranji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, umutekano n’iterambere rusangi, aba batwara ivyo vyuma barenze imbibe bahawe bose bariko barafatwa kubera imbibe zitarahinduka. Bakavugako bikitse mu kiza mugihe abashoferi b’imodoka bari batumweko munama batumiwemwo n’igisagara ca Bujumbura.

Tubibutseko imiryango irenga ibihumbi mirongo yaritunzwe n’amamoto, tuktuk n’amakinga imaze amezi n’ayandi isamira isazi kuryinyo kubera babujijwe gukorera mu gisagara ca Bujumbura, ubuzi nka bwose bukaba bwarahungabanye kubera abakozi basigaye batonda batevye kuva iyo ngingo ifashwe.