Uwahoze ari umushikiranganji wambere Alain Guillaume Bunyoni amaze imisi ariko arabazwa mw’iperereza

Nk’uko amakuru ashikira ikinyamakuru Itara Burundi abivuga, uwahoze ari umushikiranganji wambere Alain Guillaume Bunyoni amaze imisi ariko arabazwa mw’iperereza kubujanye n’ubunyonyezi bw’amatungo ya reta n’ayandi mabi yagirizwa.

Ayo makuru avugako Bunyoni abazwa kubutunzi bw’igihugu yoba yaranyonoye hamwe n’umurwi w’abo bakorana wazingamitse igihugu na cane cane kuvyerekeye amafaranga baza baraka ishirahamwe InterPetrole bigatuma ritinjiza igitoro gikwiye, ubusuma bujanye n’amafaranga y’agaciro yavanwa mw’ibanki nkuru y’igihugu akaja kugurishwa mukinywabi n’ayandi mabi uburundi bumazemwo igihe.

Alain Guillaume Bunyoni nubwo biruko aridengemvya mugihe abagirizwa kwiba ibitoke, kugira imyiyerekano, abagirizwa gutukana n’ibindi bobo bavundiye mumunyororo, inzara ikaba iri no kubicirayo kandi umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye amaze gutanga ikigongwa kabiri kose ariko hagasohoka bake cane.

Uwo nawe akidengemvya kandi mubo umukuru w’igihugu yise ba  Maconco bagirizwa gushaka gutembagaza ubutegetsi yoba yarimwo.

Amakuru turonka n’uko ivyo bihangange vyose bigeye gukorerwako.