Inkuru y’umubabaro kubakunzi b’inkino mu Burundi

Inkuru ibabaje n’uko umurwi w’umupira w’amaboko  Dynamo uhawe ibihano vyo kumara inyama itanu udakina kandi bahawe Forfait bakazosubira gukina batanze amande.

Inkuru y’impuzu zanditseko VisitRwanda, umwe mubatanze amafaranga yo gutunganya urukono rwitwa The Ball ruriko rubera mugihugu ca Afrika yepfo yatanguye nk’igihuha iza kubayo.

Abakinyi b’abarundi baranse gukina bambaye impuzu zanditseko Visit Rwanda bivugwako babitegetswe na reta y’uburundi . Baca barakina ariko banyegeje ivyo vyandiko ndetse baranatsinda urukino bariko bakina na Africa Yepfo https://x.com/ItaraBurundi/status/1766549682078077193?s=20

73-83

Ubu birukanywe batashe bababaye eka n’abakunzi ba Dynamo bari mu gahinda. Kuri uyu w’Imana le 10/3/2024 bamaze kwirukanwa muri Johannesburg.

Iyo nkuru muyakiriye gute?

Laisser un commentaire