#Ouganda: Umunyamabanga mukuru wa #ONU arasabwa gufasha guhagarika ingingo ya #Tanzaniya yo gutahukana ku nguvu impunzi z’abarundi

Ishirahamwe rihurikiyemwo impunzi z’abarundi zahungiye mu gihugu ca Ouganda, COREBU ryarandikiye urwandiko umunyamabanga mukuru w’ ishirahamwe mpuzamakungu ONU kw’igenekerezo rya 24 nyakanga 2019 rimusaba gufasha mu guhagarika ingingo ya Leta ya Tanzaniya yo gutahukana impunzi z’abarundi kunguvu.

Ishirahamwe COREBU rihuza impunzi z’abarundi bahungiye mu gihugu c’Ubuganda ryandikiye umunyamabanga mukuru wa ONU rimusaba guhagarika ingingo ya Leta ya Tanzaniya yo kwirukana ku nguvu impunzu z’abarundi.

Muri iryo kete COREBU yishimikiza amasezerano mpuzamakungu yo gukingira impunzi yateweko igikumu i Genève mu mwaka wa 1951 be n’ayateweko igikumu n’ishirahamwe vy’ubumwe bwa Afrika UA mu mwaka wa 1969, rikamenyesha ko Tanzaniya yari ikwiye gukingira bimwe bikomeye impunzi z’abarundi zahungiye mw’ico gihugu aho yishimikiza kandi ingingo ya 33 yo muri ayo masezerano y’i Genève ivuga ngo :

« Ntagihugu na kimwe muvyashize umukono kuri ayo masezerano kizokwirukana mu buryo ubwaribwo bwose impunzi ku mipaka y’igihuhu aho ubuzima n’umwidegemvyo vyiwe bizoba bigeramiwe kubera urukoba, ubwoko, ukwemera, ubwenegihugu, umugambwe canke ivyiyumviro vyiwe. »

Mwomenya ko iyo ngingo ya Tanzaniya yafashwe inyuma yo kugirana umubonano na Leta y’uburundi, bikaba bitegekanijwe ko izoshirwa mungiro kuva kw’igenekerezo rya mbere Gitugutu 2019 atagihundutse.

Hagati aho, amashirahamwe aharanira agateka ka zinamuntu, abanyepolitike batari bake hamwe n’ibimenyeshamakuru bitandukanye bikaba bidahengeshanya gusemerera ko izo mpunzi zigira zitahukanwe ku nguvu.

Tubibutseko abarundi basanzwe baba mu gihugu c’Ububirigi ku munsi w’ejo igenekerezo rya 27 Nyakanga 2019 bagize imyiterekano yo kwiyamiriza iyo ngingo imbere y’uwuserukira Leta ya Tanzaniya mu Bubiligi i Buruseri.