« Uburundi buzingamitswe n’ukutamenya kw’indongozi zitagifise umutima wo gukorera igihugu »

Evariste Ndayishimiye

Burundi : « Uburundi buzingamitswe n’ubujuju bw’indongozi zitagifise umutima wo gukorera igihugu »  

Munyubakwa z’ishure kaminuza y’ubuvuzi INSP, kur’uyu wa gatatu igenekerezo rya 27 ndamukiza, umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yaratanguje urukurikirane rw’ibiganiro vyo gutsimbataza intwaro ibereye. Akaba yahereye kundongozi zatowe hamwe n’abajejwe intwaro ndetse n’abarongoye amashengero b’imvukira z’i Bujumbura, umurwa mukuru w’ubutunzi w’uburundi aho yerekanye ibizingamitse igihugu c’uburundi n’icokorwa kugira  gitere imbere.

Nk’uko tubisanga kurubuga rw’ibiro vy’umukuru w’igihugu, Evariste Ndayishimiye yamaze amasaha ane y’igisha indongozi zari zitavye ubutumire gukora uko bashoboye bahindure ingendo bashire imbere intwaro ibereye mubisata vyose vy’ubuzima bw’igihugu.

Akavugako bizoshoboka aruko habaye guhindura ivyiyumviro bimwe bikomeye bakivyukiranya bagakora.

Evariste Ndayishimiye
Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye ariko yigisha abatowe, abajejwe intwaro be n’abaserukira amadini b’imvukira zo mugisagara ca Bujumbura kuri INSP kuwa gatatu igenekerezo rya 27 ndamukiza 2021. Crédit Photo: La Présidence

« Umukozi wa reta wese ategerezwa kumenyako ari umusuku w’abanyagihugu bo bene ubutegetsi. Birababaje kubona hari abakozi ba reta babaye ba rurangiranwa mugusiba kukazi, ataco bashoboye kandi bamunzwe no kurya ibiturire. Kurico ivya kamwana wamama vyahagaze. »

Umukuru w’igihugu akaba yabivuze ahejeje kumenyeshako uburundi buzingamitswe n’ubujuju bw’indongozi zitagifise umutima wo gukorera reta kandi zitazi amahirwe igihugu gifise akavugako hari abarundi benshi barindira yuko harinda gufatwa ingingo kugira bagire ico bakoze, ivyo navyo bakaba babirazwe n’abakoroni nk’uko tubandanya tubisoma kurubuga rw’ibiro vy’umukuru w’igihugu.

Umukuru w’igihugu Evarsite Ndayishimiye yahavuye yiyemeje ko kw’izina ry’abarundi agiyye gutuza yivuye inyuma ingeso yo kurya ibiturire no gusesagura itunga ry’igihugu kandi kugira azobishikeko ko agiye gupanga abagabo n’abagore mubibanza babereye.

N’ubwo biruko, ikinyamakuru Itara Burundi twaronse amakuru dukura mubari mumugambwe CNDDFDD, umukuru w’igihugu avamwo amenyesha uko ivyo kugena abantubitunganijwe: Imbere yo kuraba ubumenyi n’ubushobozi bw’uwugenwa mumabanga kanaka, habanza kurabwa ubwambere ko ari umunyamugambwe, intara avukamwo n’amajwi uwo mugambwe woronse mumatora.