Burundi : Ukuri kw’ibura ry’impapuro z’inzira « passports »

Burundi, amakuru

Kuva kuwa 28 rusama 2021, amasezerano ari hagati y’ishirahamwe ry’abahindi CONTEC GLOBAL rikora impapuro z’inzira n’impusha zo kugendesha imodoka yaraheze, umuhindi ariserukira yitwa Kourduup hamwe na Kwizera Diudonné batazira Muvuduka yahuje iryo shirahamwe na reta bapfunzwe icamaso.

Nk’uko amakuru ashikira ikinyamakuru Itara Burundi abivuga, igisata co gukora impapuro z’inzira  kiri mugipolisi kijejwe abasohoka n’abinjira PAFE cugarijwe n’ingorane zidasanzwe, kuva aho ishirahamwe CONTEC GROBAL ryankiwe gusinya ayandi masezerano kuwa 28 rusama 2021 kubera amanyanga basanze rikora hoho n’ivyahuha vyaciye bihuhuka.

Mumafaranga 235 000FBu agurwa passport bivugwako atamafaranga 35000FBu akwiye reta yoba ironkamwo. Bivugwako amafaranga 100 000FBu yoba aja mumufuko wa CONTEC GROBAL ayandi mafaranga 100 000FBu akaja mumufoko w’igihangange muri reta bibazako ari Allain Guillome Bunyoni, umushikiranganji wambere. Bikavugwako umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye amaze kubimenya yoba yaciye ategekako ayo mafaranga yose aza arashirwa mu kigega ca reta.

Abahinga b’abarundi bakorera CONTEC GROBAL 30 babandanije bakora ariko bakazohembwa n’igipolisi mu kiringo c’umwaka umwe kuva kuwa 1 Ruhenshi 2021 nk’abakozi b’abakutsakivi (Personnel d’appui ) ariko abahindi bobo bakaba babandanya bahembwa n’iryo shirahamwe.

Isoko y’amakuru y’ikinyamakuru Itara Burundi imenyeshako abobakozi bagerageje kurondera umubonano k’umukuru w’igihugu bakawubura. Bikavugwako na Maurice umuyobozi mushasha wa PAFE atarigera akoresha inama abakozi na rimwe canke ngo atembere mumabiro kugira ashobore guhagarika amanyanga abandanya akorerwayo mugutanga passport hakoreshejwe agasitoke gatoya gasigaye yongere anamenye ibibazo abakozi atwara bafise.

Twobamenyeshako ishirahamwe CONTEC GLABAL rikorera mu Burundi kuva mumwaka wa 2011 aho ryagenda riraronka amasezerao y’imyaka itanu yisubiriza ariko kuva kuwa 28 Rusama 2021, rikaba ritongewe amasezerano naryo rica rirahagarika gukora, umuyobozi waryo wo mu Burundi yitwa Kourduup hamwe na Kwizera Dieudonné azwi kuritazirano rya Muvuduka bakaba basa n’abapfungishijwe icamaso kubera batswe impapuro z’inzira n’imiduga bakoresha.

Twobamenyesha kandiko icuma kimwe muri bibiri vyakoreshwa capfuye kuva mukwa kane 2021, impapuro zikorwamwo passports nazo zikaba zarabuze mugihe abamaze gutanga amafaranga yabo bazisaba bama bazindukira kubiro vya PAFE, hakaronka gusa abatanze igiturire n’abafise ivyihuta baja kurondera hanze hamwe n’abazinanye n’abategetsi bamwe bamwe. Atagikozwe vuba n’utwo dupapuro dusigaye tugashobora guhera umwanya n’umwanya.

Turondeye umuvugizi w’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, umutekano n’iterambere rusangi Petero Nkurikiye, tumaze kumwidondora tukamubazako abanyagihugu bariko batanga amafaranga yo kugura passoport bazozironswa narirya havugwako atampapuro ziraboneka zikwiye, tunamubaza n’ivy’abakozi ba CONTEC GLOBAL bariko bakoreshwa na polisi eka n’ibindi bibazo akaba yatwishuye ati: « Kalibu kukazi ». Twari no kumubaza igituma batofata amafaranga yatanzwe n’abanyagihugu bakayaguramwo ibikoresho bikwiye hanyuma igipolisi kikabandanya kivyikorera narirya abahinga babikora cabaronse ariko ntamahirwe twaronse yo kubandanya tumubaza atatwishuye ivyambere.