Burundi : Abakoresha amafaranga y’amarundi bahawe gushika kw’igenekerezo rya 2/8/2019 

Ibanki ya Republika y’uburundi, BRB yaraye yandikiye amabanki n’amashirahamwe yo kuziganya no kuguranana kw’igenekerezo rya 31/7/2019 ikete riyamenyesha ko kuva kw’igenekerezo rya 2/8/2019 inoti za kera z’amafaranga ya 500, 2000, 5000 na 10000 zitazoba zigikoreshwa.

Mur’iryo kete, Melchior Wagara na Annonciate Sendazirasa, icegera ca mbere n’icakabiri vy’umukuru wa banki nkuru y’igihugu, bateyeko umukono rimenyesha amabanki n’amashirahamwe yo kuziganya no kuguranana ko guhanana n’abanyagihugu inoti  za kera na nshasha twadondaguye  bitazorenza kw’igenekerezo rya 2/8/2019.  Amashirahamwe yo kuziganya no kuguranana aka yahawe imisi ibiri y’akazi izoshika kwigenekerezo rya 6/8/2019 kugira abe yashikanye inoti zishaje zose mu mabanki bakorana ayo nayo ahabwa imisi itanu y’akazi izoshika kw’igenekerezo rya 9/8/2019 yo kuba yashikanye inoti zose za kera muri BRB.

Izo noti z’amafaranga ya 500, 2000, 5000 na 10000zikuwe kw’isoko zikaba zari zasohotse kw’igenekezero rya 29/4/2015. Nk’uko vyari vyagenze inoti y’amafaranga igihumbi(F1000) ntibe yari muzari zahinduwe ico gihe, igasoka mu kwezi kw’icenda 2015, n’ubu niko vyagenze kw’iyo noti y’amafaranga 1000, izobandanya ikoreshwa naho atagihe isigaje camenyeshejwe.

Reta irongowe n’umugambwe CNDDFDD yama ifyatura amafaranga mashasha uko himirije amatora mu ntumbero yo gukenesha abanyagihu kugira igure amajwi nk’uko twabishikirijwe n’umuhinga twavuganye.

Tubamenyesheko izo noti z’amafaranga y’amarundi zizobandanya zikoreshwa zari zasohotse kw’igenekerezo rya 02/5/2019 kandiko hari abanyagihugu boba batunze inoti za kera canke abadandaza batazi gusoma ndetse n’abakoresha amaranga y’amarundi bari mu mahanga nko mukuvunja n’ibindi bashobora kuzokworoherezwa n’iyo ngingo ihawe umwanya muto wo  gushirwa mu ngiro narirya atatandukaniro rinini ryari ryabaye ku noti za kera na nshasha.

Inoti y’igihumbi 1000 yakozwe kw’igenekerezo rya 15-01-2015 ibandanya ikoreshwa
Inoti y’amajana atanu (500FBu) yakozwe igenekerezo rya 04/7/2018 ibandanya ikoreshwa

Inoti y’amajana atanu (500FBu) yakozwe kuwa 15/01/2015 izova kwisoko kuwa 02/8/2019

Inoti y’ibihumbi bibiri (2000FBu) yakozwe kw’igenekerezo rya 04/7/2018 ibandanya ikoreshwa

Inoti y’ibihumbi bibiri (2000FBu) yakozwe kuwa 15/01/2015 izova kwisoko kuwa 02/8/2019

Inoti y’ibihumbi bitanu (5000FBu) yakozwe kw’igenekerezo rya 04/7/2018 ibandanya ikoreshwa

Inoti y’ibihumbi bitanu (500FBu) yakozwe kuwa 15/01/2015 izova kwisoko kuwa 02/8/2019

Inoti y’ibihumbi cumi (500FBu) yakozwe kw’igenekerezo rya 04/7/2018 ibandanya ikoreshwa

Inoti y’ibihumbi cumi (10000FBu) yakozwe kuwa 15/01/2015 izova kwisoko kuwa 02/8/2019