Burundi : Hashinzwe ibiciro vy’amakaye mugihugu cose

Burundi

#ItaraBurundi #Ubudandaji

Mugihe amashure matomato n’ayisumbuye azotangura mu kwezi kuza, ihinguriro ry’amakaye PACOBU ryashinze ibiciro mu gihugu cose aho hari itandukaniro ry’amafaranga 50 kubicoro vyo mu gisagara ca Bujumbura n’ibindi bice vyo mugihugu, ntacahindutse uravye ibicoro vyahahora nubwo igiciro co kurangura cagabanutseko amafaranga 3000 kubo hagati mu gihugu kandi ikarato y’amakaye y’impapuro ijana inganya amafaranga n’iy’impapuro 36 mukurangura.

Mu gisagara ca Bujumbura amakaye agiye kugurwa uku gukurikira:

–>Ikaye y’impapuro 100 igurwa  1200FBu

–>Ikaye y’impapuro 60 igurwa  750FBu

–>Ikaye y’impapuro 48 igurwa  650FBu

–>Ikaye y’impapuro 36 igurwa  550FBu

Kurangura ikarato y’amakaye ubwoko ubwaribwo bwose irangurwa 145000FBu mugihe kumwaka uheze yarangurwa  ayo nyene

Muntara zindi zose amakaye agiye kugurwa uku gukurikira:

–>Ikaye y’impapuro 100 igurwa  1250FBu

–>Ikaye y’impapuro 60 igurwa  800FBu

–>Ikaye y’impapuro 48 igurwa  700FBu

–>Ikaye y’impapuro 36 igurwa  600FBu

Kurangura ikarato y’amakaye ubwoko ubwaribwo bwose irangurwa 145000FBu mugihe kumwaka uheze yarangurwa  150000FBu

Ishirahamwe PACOBU ryasohoye ivyo biciro risaba abajejwe intwaro n’umutekano gukurikirana ko atabadandaza bokwikika mu kiza bagafatira amaboko imugongo abanyagihigu baduza ibiciro . Ico ikinyamakuru Itara Burundi kitashoboye kumenya n’uko uwuzoramuka afashwe adugije ibiciro azotangishwa amande y’umuriyoni (1 000 000Fbu) nk’uko bimaze imisi bikorwa kubafashwe badugije ibiciro vy’isukari, isima n’ibinyobwa vya BRARUDI.