Burundi : Abanyeshure bahejeje kaminuza ngo hari ibibasiga

BURUNDI

Abanyeshure bahejeje amakaminuza atandukanye hari abavugako bamaze imyaka umunani abandi iyiri munsi batararonswa impapuro z’umutsindo zisinyweko n’ubushikiranganji bw’indero n’ubushakashatsi, ivyo bita diplômes anterinés mugifaranasa.

Amakuru ikinyamakuru Itara Burundi caronse akamenyeshako abakozi bo mubushikiranganji bw’indero n’ubushakashatsi bajejwe gusinya kur’izo mpapuro z’imitsindo basanzwe bafise ibindi bikorwa, ivyo gusinya bikababana vyinshi basanzwe bakorana imisi mike kur’ico gikorwa mugihe hari amakaminuza arenga 45 asohora abanyeshure kumwaka kumwaka batari bake.

Mugihe atacohinduka ngo reta ishireho abajejwe gusuzuma no gusinya kurizo mpapuro z’imitsindo, reta ikazoshobora kuhahombera nk’uko bivugwa n’abanyeshure twavuganye. Bavugako guteba kw’izo mpapuro z’imitsindo bibabuza amahirwe yo kuronka akazi bipfuza abandi kubandanya kwiga amashure yo hanze kandi bategerezwa kuzokwishura reta ingurane yabahaye mu kwiga aruko baronse akazi.  

Kaminuza yitiriwe amahoro no gusubizahamwe yaragize ico ivuga kuvyo twanditse biyerekeye mundwi iheze.

Kuvyo twari twanditse, kaminuza yitiriwe amahoro no gusubizahamwe, UPR baraturungikiye inyishu bamenyeshako abanyeshure bahize batababa igihumbi nk’uko twavyanditse kungereranyo y’uwaduhaye amakuru, bavugako haronkejwe impapuro z’imitsindo abanyeshure 298 bari mumigwi ibiri: bamwe baronkejwe impapuro za baccalauréat abandi iza techiniciens supérieurs A1 bakurikije uko amategeko abivuga.

Iyo kaminuza imenyeshako abanyeshure bariko baratora impapuro z’umutsido guhera kw’igenekerezo rya 14 /7/2021 aho abanyeshure bazihawe baca bazitwara kugirisha conformité mu bushikiranganji bw’indero n’ubushakashatsi hanyuma bakazigarukana kugira barindire ko intumwa z’ubwo bushikiranganji zizoze kwishure gushirako ikidodo kindi(anterinement).

Ikindi iyo kaminuza ivuga n’uko bahejeje gutunganya ibisabwa n’ubushikiranganji bw’indero n’ubushakashatsi kugira basubire kwakira abanyeshure bashasha barindiriye gusa ibizoshikirizwa n’umugwi washinzwe igikorwa co kugenzura amakaminuza yarafise utunenge muri 2019.

Ntiturashobora kuronka abo mubushikiranji bw’indero n’ubushakashatsi kugira tubabaze ico bavuga kur’iyo myidogo y’abanyeshure bavugako bamara imyaka n’iyindi batararonswa impapuro z’umutsindo za kaminuza kubera kubura ikidodo cabwo.