Burundi : Alfred Innocent Museremu yoba yahagaritswe ageze mu Bubirigi

Burundi

Umukozi akomeye w’iperereza ry’uburundi Alfred Innocent Museremu asanzwe avugwa muma dosiye atari make n’amashirahama aharanira agateka ka zina muntu ko yoba afise uruhara mw’igadagurwa ry’abarundi batari bake bivugwako apfungiwe mugihugu c’ububirigi aho yoba yafatiwe avuye murugendo rwari rwamujanye mu buswise.

Nk’uko amakuru ashikira ikigamakuru Itara Burundi abivuga, Alfred Innocent Museremu yafashwe avuye mugihugu c’ubuswise aho bivugwako yari yagiye kuvugana n’abagwizatunga bafise umutahe munini muri Kira Hospital inyuma y’ifatwa rya Dr Sahabo abirongoye.

Tubamenyesheko hamwe ifatwa rya Alfred Innocent Museremu vyokwemezwa kumugaragaro  ko yoba abaye  umutegetsi wambere afashwe azira ko yoba yarishe abarundi bazira kutavuga rumwe na reta y’umuhisi Petero Nkurunziza abandi bakaba bikekwako bagize imyiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu ciwe.