Burundi: Umuyobozi wa ECOFO apfunzwe azira guhindura bulletins z’abanyeshure.

Burundi

Bicubwenge Theoneste, afise urupapuro rw’umutsindo rwa D7, umuyobozi wa  ECOFO CANKUZO I yaraye ijoro ryiwe rya 2 mugasho ka komisariya y’igipolisi mu ntara ya Cankuzo azira kuba yafatanywe itonga ariko ahindura amanota ari kuri bulletins z’abanyeshure baba bamuhaye igiturire.

Ku musi wa gatanu igenekerezo rya 2 mukakaro 2021 niho umuyobozi w’indero muri komine Cankuzo, Béatrice yaronka amakuru ko Bicubwenge Theoneste, umuyobozi wa ECOFO CANKUZO I ariko yaka abanyeshure amafaranga ngo abahindurere bulletins ariko guca amufatana itonga abona kumushikiriza igipolisi. Ubu akaba apfungiwe muri komisariya aho ndetse yoba yemera icaha nk’uko amakuru ashikira ikinyamakuru Itara Burundi abivuga.

Biravugwako uwo muyobozi wa ECOFO CANKUZO I yariko yaka igiturire kugira aronke amafaranga yogura agacupa, yoba yari yarimenyereye ariko bikaba akamizwe n’ingoma bivuye ko yari incuti y’umuyobozi w’indero mu ntara yahahora, eka vyaranavugwako hari abakobwa yoba yarasambanya kugira abahindurire ama bulletins bagaca baja kwiga ahandi nk’abamenye kandi baba bayobewe. Ivyo ababibona bakaba boba baratinya kumushengeza kubera ubucuti twababwiye yarafitaniye n’uwatwara iyo ntara y’indero.